Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Syria: impande zirwana zose zagirizwa ivyaha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria: impande zirwana zose zagirizwa ivyaha

Syria: impande zirwana zose zagirizwa ivyaha

jeudi 12 Nyakanga 2013

Icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku gateka ka zina muntu, kiremeza ko muri Syria, ivyaha vyo kwica rubi abantu no kubafata ku nguvu vyakwiragiye ahatari hake.

Ico cegeranyo kirega igisirikare ca Leta ya Syria ko gikoresha ibisasu bitekeye ibindi, bishobora gusanzara ahantu hanini, bigahitana abantu benshi ica rimwe. Ico cegeranyo kivuga kandi ko uruhande rw’abagwanya Leta narwo rukomeza gukora ivyaha vyo kwica abantu ikivunga.

Abapererezi b’ishirahamwe mpuzamakungu bakoze ico cegeranyo bavuga ko bafise urutonde rurerure rw’amazina y’abantu bagirizwa ko bakoze ivyaha vyo mu ntambara, babwirizwa gushengezwa imbere y’intahe. Abakoze iryo perereza barankiwe kwinjira muri Syria, ariko begeranya ibimenyetso bakoresheje ivyabona n’amasanamu ya video, kumwe n’amasanamu yafashwe n’ivyuma vyo mu kirere vya ’satellites’.

Ico cegeranyo gishizwe ahagaragara mu gihe umushikiranganji w’imigenderanire wa Leta zunze Ubumwe z’Amerika John Kerry, buca ahura na mugenziwe w’Uburusiya Sergei Lavlov i Geneve, aho bazoganira ku kibazo c’ikoreshwa ry’ibirwanisho vy’uburozi muri Syria.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.