Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Syria: Isango nshasha ku biganiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria: Isango nshasha ku biganiro

Syria: Isango nshasha ku biganiro

mardi 26 Munyonyo 2013

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki moon avuga ko ibiganiro hagati ya Syria n’abayigwanya bizotangura kuva ku wa 22 Nzero umwaka uza, i Geneve mu gihugu ca Suisse.

Hari haheze igihe kitari gito hari igitutu gikomeye ca Reta zunzubumwe z’Amerika n’Uburusiya, vyasaba ko haba ibindi biganiro bikurikira inama yiga ikibazo ca Syria, ndetse hakajaho na Reta muri Syria, ihurikiyemwo bose kandi yimfatakibanza. Abatavuga rumwe na Syria barimwo n’abayirwanya hakoreshejwe ibirwanisho, bakaba basaba ko umukuru w’ico gihugu yobanza gutanga imihoho akava ku butegetsi.

Tukabamenyesha ko ico gihugu ca Syria kimaze igihe kitari gito mu ntambara z’urutavanako hagati ra Reta n’abayirwanya, ndetse umukuru w’igihugu Bashar al Assad wa Syria akaba yaragirijwe akatari gake ko yakoresheje ibirwanisho birimwo ubumara mu ngwano n’abo batavuga rumwe, harajaho n’umurwi w’amatohoza w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira barabe hagati ya Reta n’abarwanyi uwoba yagirwa ako kabi ko gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.