Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Syria: Uburusiya bushobora gushigikira ONU - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Syria: Uburusiya bushobora gushigikira ONU

Syria: Uburusiya bushobora gushigikira ONU

mercredi 4 Nyakanga 2013

Uburusiya buravuga ko bushobora gushigikira icegeranyo ca ONU, biramutse vyemejwe ko Syria yakoresheje ibirwanisho vy’uburozi.

Vladmir Putin umukuru w’igihugu c’Uburusiya ariko avunira akagohe Leta zunze ubumwe z’amerika ko Uburusiya budashobora gushigikira ibitero bifise aho bihengamiye, bitewe Syria. Yavuze ko igitero cose amakungu yogira kuri Syria kidashigikiwe na ONU cofatwa nko gutera ico gihugu mu buryo butemewe n’amategeko.

Putin kandi yongeyeko ko naho igihugu ciwe cahagaritse guha Syria ibisasu vya misile vyo mu bwoko bwa S-300 bikoreshwa mu kwirinda ibitero vy’indege, bishoboka ko gishobora guha bene ivyo birwanisho ibindi bihugu vyo mu karere Syria irimwo Leta zunzubumwe z’Amerika ziramutse zibateye. Ibi bishobora kwumvikana nkaho Uburusiya bwoba bushaka guha ivyo birwanisho igihugu ca Iran.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.