Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Syria : Umutegetsi w’Abasunite ashigikiye Leta yarishwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria : Umutegetsi w’Abasunite ashigikiye Leta yarishwe

Syria : Umutegetsi w’Abasunite ashigikiye Leta yarishwe

lundi 1er Ndamukiza 2013

Inteko zirwanya ubutegetsi bwa Leta, mu gihugu ca Syria, zarishe umutegetsi w’Aba Islamu b’AbaSunni ashigikiye Leta, mu gisagara ca Aleppo, mu buraruko bw’igihugu ca Syria.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, mu gihugu ca Syria, n’ibinyamakuru, radiyo na televiziyo vya Reta, vyatangaje, ejo ku musi wa gatandatu, ko Sheikh Hassan Seifeddine, umuyobozi w’umusigiti, mu gisagara ca Aleppo, mu buraruko bwa Syria, yishwe n’abarwanya ubutegetsi, mu ngwano yakoresheje ibigwanisho bikomeye, yabareye mu gice ca Sheikh Maqsoud, mu gisagara ca Aleppo.

Ivyo bibaye imisi mikeyi, inyuma yuko umwihevyi, yari afise bombe, yiturikije, mu musigiti wa kera, ku murwa mukuru wa Syria, Damas, ahitana umutegetsi w’idini rya Islamu ashigikiye Reta Mohammed al-Buti.

Umukuru w’igihugu ca Syria, Bashar al-Assad, yariyemeje, ku musi wa gatanu, kuzimanganya intagondwa, mu gihugu, yagiriza ico gitero, cahitanye abantu bagera kuri mirongo itanu.


Nadege Ngoti

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.