Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Syrie: Inama y’umutekano yari yateguwe yasibijwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syrie: Inama y’umutekano yari yateguwe yasibijwe

Syrie: Inama y’umutekano yari yateguwe yasibijwe

mercredi 11 Nyakanga 2013

Inama yihutirwa y‘umutekano yari yateguwe n‘ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira bige ikibazo ca Syria nk‘uko bari babisabwe n’Uburusiya, yungurujwe ishigwa ku wundi munsi ariko utaramenyekana.

Moscou ntishima ingingo yUbufaransa yo gushira imbere inyishu y’uko boshira imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha, abagirizwa kuba barakoresheje ubumara mu kwica abantu. Mu gihe ibihugu vyose bishushe, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryabuze ico rifata nico rireka, kuva aho Uburusiya busavye inama yihutirwa y ‘umutekano, imbere yo kuyisivya ku munota wa nyuma.

Ubu hari imigambi ibiri iri nko mw ‘ihiganwa ku ntumbero imwe :
Iya mbere ni iyo gushira ibirwanisho ruhonyanganda vyo mu gihugu ca Syria bakabishira aho biguma bisuzumwa n’amakungu. Ku ruhande rumwe ni Ubufaransa busaba ko igihugu ca Syria cugurura ububiko bw’ivyo birwanisho ruhonyanganda, hamwe kandi n’uko baguma babisuzuma hamwe n’ukwemera ko mu gihe cose Uburusiya butokwemera gukorana bazoca bakoresha inguvu bakabatera.

Ku rundi ruhande naho, umugambi w‘Uburusiya usanzwe mbere ariwo udasaba ibintu bikandamiza cane, kuko bobo ntibavuga ko bagiye gukoresha inguvu, kandi ntibazonabatwara muri sentare mpuzamakungu kugira bacirirwe imanza ku vyaha vyo mu gihe c’intamabara vyakozwe mu gihugu ca Siriya.

Ibiganiro bikaba biriko biraba hagati ya Washington hamwe na Moscou. Mw’ishirahamwe ONU, ibiganiro birabandanya kugira barabe ko bohuriza hamwe n’Uburusiya, kandi ikaba inyishu izoshimwa na bose.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.