IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Syriya: Abantu 90 baguye mu gitero c’indege

Syriya: Abantu 90 baguye mu gitero c’indege

lundi 24 Kigarama 2012

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Syriya baravuga ko abantu mirongo iyenda baguye mu gitero cakozwe n’indege za Reta igihe bari ku mirongo bagiye kugura imikate mu gisagara kigenzurwa n’abagwanyi.

Amakuru duahabwa na BBC avuga ko hariho n’abandi benshi ngo barakomeretse ariko nta makuru y’abadafise aho begamiye aremeza ivyo biharuro.

Abatavuga rumwe na Reta bashize video ku rubuga rwa internet yerekana uko vyari bimeze inyuma y’ico gitero cakozwe mu gisagara ca Halfaya kiri mu ntara ya Hama.
Iyo video yerekanye imivyimba n’ibice vy’imibiri biri mw’ibaraba hamwe n’abantu batawe mu mazu yabomaguritse.

Hanabonetse abantu bahora bahaba bariko bariruka baja gutabara abakomeretse, bakabashira ku bitugu.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.