Accueil > Amakuru > Syriya: Abantu 90 baguye mu gitero c’indege
Syriya: Abantu 90 baguye mu gitero c’indege
lundi 24 Kigarama 2012
Abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Syriya baravuga ko abantu mirongo iyenda baguye mu gitero cakozwe n’indege za Reta igihe bari ku mirongo bagiye kugura imikate mu gisagara kigenzurwa n’abagwanyi.
Amakuru duahabwa na BBC avuga ko hariho n’abandi benshi ngo barakomeretse ariko nta makuru y’abadafise aho begamiye aremeza ivyo biharuro.
Abatavuga rumwe na Reta bashize video ku rubuga rwa internet yerekana uko vyari bimeze inyuma y’ico gitero cakozwe mu gisagara ca Halfaya kiri mu ntara ya Hama.
Iyo video yerekanye imivyimba n’ibice vy’imibiri biri mw’ibaraba hamwe n’abantu batawe mu mazu yabomaguritse.
Hanabonetse abantu bahora bahaba bariko bariruka baja gutabara abakomeretse, bakabashira ku bitugu.
Pierre Claver Niyonkuru