Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Syrte: Intambara zasubiye kwaduka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Syrte: Intambara zasubiye kwaduka

Syrte: Intambara zasubiye kwaduka

mardi 25 Ruheshi 2013

Mu gihugu ca Libiya abasirikare batandatu b’igihugu bagandaguwe mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 25 Ruheshi umwaka w’2013, inyuma y’igitero cakorewe abo bashinzwe umutekano mu karere ka Khouchoumal-Kheil, ku birometero 120 uja mu Bumanuko bwa Syrte nk’uko bimenyeshwa n’umukuru mu gisirikare muri ako gace.

Muri ico gitero cakozwe mu bucagucagu bwo kuri uyu munsi, cari kigamje abasirikare bacunze umutekano mu Bumanuko bwa Syrte aho abasirikare batandatu baciye bitaba Imana ubwo nyene, mu gihe batewe giturumbuka ku birindiro vyabo. Khaled al-Akari umutegetsi mu gisirikare muri ako gace, avuga imiduga ibiri yaturiwe muri ico gitero, ariko akamenyesha ko abakoze ivyo baciye bahunga ubu bakaba bariko barakurikiranwa ngo bafatwe.

Kuva aho uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Libiya Mouamar Kadhafi agwiriye mu minwe y’abariko baramurwanya mu maka w’2011, igisagara ca Syrte ntikaratora agahengwe k’intambara zitandukanye ziguma ziba muri ako gace.
Ubu rero igisabwa abategetsi bashasha b’igihugu ca Libiya, n’uko borondera igisirikare gishoboye gucungera umutekano w’igihugu n’abanyagihugu bose muri rusangi.


Gloria Ndayishimiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.