Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tambwe Amissi na Didier Kavumbagu bahiganirwa ikibanza ca mbere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Tambwe Amissi na Didier Kavumbagu bahiganirwa ikibanza ca mbere

Tambwe Amissi na Didier Kavumbagu bahiganirwa ikibanza ca mbere

mardi 24 Nyakanga 2013

Umukinyi yahora mw’ihiganwa ryo mu Burundi mu murwi wa Vital’O, Amissi Tambwe niwe yamenyekanye nk’umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ry’umwaka w’2012 ushira uw’2013. Ubu Amissi Tambwe abarizwa mu murwi wa Simba, mu gihugu ca Tanzaniya, ahasanzwe hari umukinyi nawe nyene yahora muri Vital’O, Kavumbagu Didier, akinira umurwi wa Yanga, aho nyene muri Tanzaniya. N’aho Tambwe Amissi yashitse amurusha ibitsindo muri iryo higanwa, Didier Kavumbagu amenyesha ko ataco bimubwiye kuko ihiganwa rikibandanya.

Muri iryo higanwa ryo mu gihugu ca Tanzaniya, iyo mirwi yompi iratangazwa n’ubuhinga bwabo bakinyi babiri, biyumvira uko urukino ruzohuza iyo mirwi ku genekerezo rya 20 Gitugutu ruzogenda.

Tambwe Amissi, mu ndwi iheze gusa, yatsinze ibitsindo bine, ku munsi w’ejo naho yatsinze ibindi bibiri. Nivyo vyamutumye ubu aja kw’isonga nk’umukinyi afise ibitsindo vyinshi muri iryo higanwa ryo mu gihugu ca Tanzaniya.

JPEG - 37 ko
Tambwe Amissi (uwo afise umupira)

Kavumbagu Didier, asanzwe ariwe atsindira umurwi wiwe wa Yanga, mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru b’inkino mu gihugu Tanzaniya, yamenyesheje ko ibikorwa vya Tambwe Amissi bitamuteye ubwoba kuko ihiganwa rikibandanya. Yizeye ko azoshobora kwinjiza ibindi bitsindo vyinshi, gutyo ashobore kumurengana. "Sindaba ivyo Tambwe ariko arakora, ico nzi gusa n’uko nzotsinda ibindi vyinshi, mu ntumbero yo kuduza umurwi wanje wa Yanga ushike imbere, atari ukurushanya na Tambwe. Ndabifashijwemwo n’abakinyi dukinana nzobishikako. Igikuru n’uko tworaba imbere, ibimaze kuba tuvyiyibagize."

JPEG - 74.7 ko
Didier Kavumbagu (aho yari ahejeje kwinjiza igitsindo c’umurwi wiwe Yanga)

Fred Minziro, icariho c’umumenyereza w’umurwi Yanga amenyesha ko atanezerezwa n’ukubona umurwi wa Simba ariwo uri kw’isonga muri iryo higanwa. Araremesha ko azokora ibishoboka vyose basubire mu kibanza ca mbere. “Nk’uko musanzwe mubizi, umurwi wa Simba ni umukeba wacu, kandi iyo baturushije ikibanza biradushavuza cane. Turizeza abakunzi bacu ko mu nkino ziri imbere tuzokora ibishoboka vyose kugira icubahiro cacu tukigarukane."

Tambwe Amissi ubu ariko akinira Simba yo mu gihugu ca Tanzaniya yamenyekanye nk’umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ryo mu mwaka w’2012 ushira uw’2013. Aganira n’abamenyeshamakuru muri Tanzaniya yagize ati : “Nivyo ko nasubiriye kuba uwatsinze ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ryo mu Burundi. Ariko icanezereye kurusha, n’uko nabwiwe ko uwankurikiye afise ibitsindo 15 gusa."

JPEG - 23.3 ko
Tambwe Amissi (agikina mu murwi wa Vital’O FC)

Aho ihiganwa ryo muri ico gihugu ca Tanzaniya rigeze ubu, umurwi Simba wa Tambwe Amissi uza kw’isonga n’amanota 11, ugakurikirwa na JKT Ruvu n’amanota 9. Umurwi wa Coastel Union uza mu kibanza ca gatatu n’amanota 9, ugakurikirwa na Ruvu Shooting ufise amanota nawo nyene icenda, co kimwe Azam FC.

Ng’uko uko abakinyi barushanya ibitsindo :

1. Amisi Tambwe w’umurwi Simba : Ibitsindo 6

2. Jerry Tegete w’umurwi Yanga : Ibitsindo 3

3. Haruna Chanongo w’umurwi Simba : Ibitsindo 3

4. Didier Kavumbangu w’umurwi Yanga : Ibitsindo 3

5. Jonas Mkude w’umurwi Simba : Ibitsindo 2


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.