Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tambwe Hamissi : "Nta bwoba kuko imikenyuro ya Tanzaniya ndayizi" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Tambwe Hamissi : "Nta bwoba kuko imikenyuro ya Tanzaniya ndayizi"

Tambwe Hamissi : "Nta bwoba kuko imikenyuro ya Tanzaniya ndayizi"

jeudi 4 Nyakanga 2014

Umukinyi Tambwe Hamissi abona ko urukino kivandimwe ruzohuza Intamba mu Rugamba n’umurwi Taifas Stars userukira igihugu ca Tanzaniya, ari urukino rusanzwe cane kuko nta na rimwe ico gihugu kirigera kibatsinda. Abona ko bokwitegurira cane cane iyindi mirwi bizohurira mu nkino za CECAFA.

JPEG - 44.7 ko
Tambwe Hamissi mu kiganiro n’ikinyamakuru www.igihe.bi

Umukinyi w’umusatirizi Tambwe Hamissi ari mu murwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba akina no mu murwi Simba Super Sport, araremesha abakinyi basangiye urukino rwo ku munsi w’Imana n’umurwi Taifas wo muri Tanzaniya. Kubwa Tambwe Amissi, gukina n’umurwi nserukira gihugu wa Tanzaniya nta bwoba kuko abakinyi bawukinamwo bose barazinanye. Ati :"Nta bwoba uwo murwi wodutera kubera duheruka no kuwutsindira iwabo bitatu ku busa". Tambwe avuga ko umukenyuro w’igihugu ca Tanzaniya mu mupira awuzi, ari naco gituma badashobora kubaca mu ryahumye.

Uwo musatirizi aravye mu kibanza c’imbere akinamwo asanga umurwi nserukira gihugu watumyeko abakinyi batari bahuje ikibanza (numero) avuga nka Didier Kavumbagu na Saido Ntibazonkiza bose b’abasatirizi, bakina hanze y’Uburundi. Umumenyereza niwe azomenya uwo atanguza kuko ku bwiwe bose barashoboye. Ati :" Akamaro k’umusatirizi n’ugushikana umupira mw’izamu ata gukebaguzwa".

Tambwe aragaruka akavuga ko naho botsinda Tanzaniya batokwijajara kuko bimirije inkino za CECAFA, ku bw’ivyo agasaba abarongoye inkino z’umupira w’amaguru mu Burundi ko borondera inkino nyinshi za kivandimwe mu ntumbero y’imyiteguro.

Arangiza avuga ko ataramenya umurwi azokinamwo muri myinshi imurondera, aho ni inyuma y’amasezerano n’umurwi wa Simba asigaje umwaka umwe gusa.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Nkokuruhande rwanje ndetse no kurwabanyagihugu twosaba Reta nabashikiranganji bajejwinkino muburundi ko bohagurukira rimwe bakavirahasi interambere ryumupira wamaguru mugihugu cuburundi,mukurwiza ibibuga vyinkino zumupira wamaguru bishobotse mbere nibibuga bigezweho bikubakwa,kuko uburundi busigaye bukomeye mumupira wamaguru,murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.