Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tanganyika : Abantu 40 nibo bamaze gusoma nturi mu mezi 10 gusa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Tanganyika : Abantu 40 nibo bamaze gusoma nturi mu mezi 10 gusa

Tanganyika : Abantu 40 nibo bamaze gusoma nturi mu mezi 10 gusa

lundi 16 Kigarama 2013

Mu kubungabunga umutekano w’ikiyaga Tanganyika n’abagicamwo, abajejwe umutekano muri ico kiyaga bateguye ingendo ku nkengera z’ico kiyaga, ndetse naho barobera, mu ntumbero yokugenzura ukwo umutekano wifashe. Urwo rugendo rukaba rwatanguriye mu Kajaga ka komine ya Mutimbuzi gushika i Kabonga muri komine ya Nyanza – Lac.

Urwo rugendo rwateguwe kuva kuri uyu wa 8 gushika ku wa 14 Kigarama uyu mwaka, bakaba barashoboye kuyaga n’abarovyi, eka n’abo bose bakunda kuja muri ico kiyaga Tanganyika. Abashinzwe umutekano mu kiyaga ca Tanganyika, bakaba basavye abarovyi n’abo bose bakunda kugitembereramwo, kutigera bapfa kwiroha mu kiyaga batagira impuzu zibakingira gutwarwa n’amazi. Ivyo bakaba babibabariye mu gihe abantu bagera kuri 40 bamaze gusoma nturi mu mezi icumi gusa, ivyo bikagaragara ko buri ukwezi abantu bane batwarwa, bisigura kandi ko buri indwi umuntu umwe asoma nturi.

Dieudonne Dukundane umuyobozi ajejwe gucungera umutekano mu kiyaga Tanganyika akaba amenyesha ko bitangaje cane uravye ko ku barovyi batandatu baba basangiye ubwato, batatu canke bane ari usanga bafise impuzu ibakingira gusoma nturi (gilets de sauvetage). Dukundane agatangazwa n’ingene umuntu afise ubwato bufise agaciro k’imiriyoni icumi ariko ugasanga atagira ako gahuzu komukingira gutwarwa, kagurwa amafaranga ibihumbi 30.000 gusa.

Dieudonne Dukundane amenyesha ko agiye kubandanya ari kumwe n’abo basanzwe bakorana, mu gukangurira abarovyi bose kuza baritwararika ako gahuzu, ndetse n’ugukurikiza amategeko agenga umwuga w’uburovyi. Aremeza ko ubu hari abatagiye kuzoroherwa hamwe boguma barenga amategeko, kuko ibihano ruhasha bitegekanijwe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.