Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tanganyika: Hari ubwoko bw’amafi buriko buragenda akagirire - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Tanganyika: Hari ubwoko bw’amafi buriko buragenda akagirire

Tanganyika: Hari ubwoko bw’amafi buriko buragenda akagirire

mardi 22 Gitugutu 2013

Kubona ikiyaga Tanganyika kidafashwe neza, ivyo bituma ibinyabuzima bikibamwo bimwe bimwe ndetse usanga biri muri ico kiyaga gusa atahandi mu bindi biyaga biri biriko birahunga, ibindi bikicwa n’ifatwa nabi ry’ico kiyaga.

Nk’uko bivurwa n’umupfasoni Lewoniya Nzeyimana umuyobozi wigisata c’amazi n’uburovyi, amenyesha ko ikiyaga Tanganyika gifise ubwoko bwinshi bw’amafi bugera ku 300, mu gihe akarere kose gatunze ubwoko 1000. Ubwoko bumwe bw’ayo mafi avuga ko buta amagi ku nkengera z’ikiyaga, zivuye hagati mu kiyaga Tanganyika. Muri iyi myaka rero, ubwoko bumwe bumwe nka Tilapia, Kavungue, Kuhe n’ubundi bwoko buriko burahona. Bumwe bwarahunze mu gihe ubundi bwoko bupfa, ari naco gituma amafi atera agabanuka kw’isoko, mu gihe ubwoko 200 bwahora buba hafi y’inkengera z’ikiyaga ubu bwahonye.

Umupfasoni Nzeyimana avuga ko mu mwaka w’2000 haboneka itoni z’ifi ibihumbi 20, mu gihe mu mwaka w’2010, habonetse umwimbu ungana n’itoni ibihumbi 10 gusa. Muri iki gihe rero, umuyobozi w’igisata c’amazi n’uburovyi avuga ko bariko barakora ibishoboka vyose, kugira umwimbu w’ifi usubire kuduga. Mu mwaka w’2012, umwimbu wabonetse ukaba ari itoni ibihumbi 14.

Mu kurangiza uyo mupfasoni asaba abanyagihu gukora ibishoboka kugira ikiyaga Tanganyika gikingirwe, ndetse umwimbu w’uburovyi muri ico kiyaga ushobore kwiyongera.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.