Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tangura ubu imigambi yawe y’umwaka w’2013 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Tangura ubu imigambi yawe y’umwaka w’2013

Tangura ubu imigambi yawe y’umwaka w’2013

jeudi 3 Nzero 2013

Uko umwaka uheze usanga abantu benshi bafise ivyo biyemeje bashaka kugerako mu mwaka mushasha. Twovuga aho nko mw’iterambere ry’ubuzima bwabo bwa minsi yose canke bariyemeje gukosora amwe mu makosa baba barakoze mu mwaka uheze ariko ugasanga umuntu aracageretse akaguru ku kandi ngo haracari kare iminsi ntaho iraja.

Ubu umwaka mushasha twarawutanguye, ntuze ucererwe gutangura gushira mubikorwa ivyo wumva wiyemeje kuzogerako muri uyu mwaka mushasha kuko umwanya n’uyu.

Muze murabe kandi ko burya iyo utanguye nabi kenshi uheza nabi, naho iyo utanguye neza kenshi haba hari ivyizigiro y’uko uzoshika kuco wifuza.

Hari bamwe usanga bamara igihe kirekire batarasubira mu kazi kabo ka minsi yose ubabajije bakakubwira ko bakiriko banezererwa imisi mikuru. Nivyo ko ivyo ata muntu yovyanka gusa ntuzoze uragendera mumosha mabi ngo niwabona umuntu kanaka acibereye mukuryoherwa n’iminsi mikuru ntuzoje narwo ngo nawe umwishinge kuko mushobora kuba mutanganya uburyo canke we akaba yarateguye kwiruhukira kuva kera.

Nimba ufise rero intumbero nshasha muri uyu mwaka mushasha, woreka gutakaza umwanya na muto ahubwo c’utangura ubu ukora ushize umwete kugira ngo intumbero yawe y’uyu mwaka mushasha uzoyishikeko.

Ikindi nimba hari imyifato canke amakosa wakoze mu mwaka uheze ukaba ufise umugambi wo kwisubirako tangura ubu ubishire mungiro ubu kuko uyu niwo mwanya wawe wo guhinduka.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.