Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tanzaniya: Abantu batatu barapfuye bahitanywe na Cholera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya: Abantu batatu barapfuye bahitanywe na Cholera

Tanzaniya: Abantu batatu barapfuye bahitanywe na Cholera

mercredi 19 Myandagaro 2015

Abantu batatu nibo bamaze kwitaba Imana mu gisagara ca Dar Es-Salaam mu gihugu ca Tanzaniya,bahitanywe n’indwara ya Cholera.

Inzego zijejwe amagara y’abantu zimenyesha ko ico kiza catewe n’isuku rike n’uburyo budakwiye bwo gutunganya imyanda iva mu mazu y’abantu mu duce dubamwo abantu benshi muri ico gisagara.

Ibintu vyatanguye kumenyekana cane igihe umugore w’imyaka 27 yitaba Imana , ku munsi wa tandatu igenekerezo rya 15 Myandagaro 2015.Dar es salaam isanzwe ibamwo abantu bashika imiliyoni zitanu.

Abantu baba mu mazu yubatse mu buryo budakurikije amategeko,nibo babangamirwa nico kiza aho usanga ata buryo buhari bwo gucira inzira imicafu iva mu mazu.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.