Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tanzaniya : Abanyamwema bagiye guhabwa utwuma tujwira tubatabariza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya : Abanyamwema bagiye guhabwa utwuma tujwira tubatabariza (...)

Tanzaniya : Abanyamwema bagiye guhabwa utwuma tujwira tubatabariza bageramiwe

vendredi 13 Ntwarante 2015

Abapfumu barenga amajana abiri bafashwe muri Tanzania mu kugerageza guhagarika ubwicanyi bwa banyamwema bumaze igihe bugisibije muri ico gihugu.

Igiporisi c’aho mu gihugu ca Tanzaniya, kivuga ko bamwe muri abo bafashwe basanganywe insato z’ibikoko hamwe n’imiti. Reta iriko iraraba uko yoha abanyamwema udukoresho two guhamagara, ababatabara, utwo twuma bakatwambara ku maboko. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko banyamwema bashika mirongo indwi na batandatu bamaze kwicwa muri Tanzania, mu myaka cumi n’itanu iheze. Bivugwa ko ibice vy’imibiri yabo bitera amahirwe, bigakoreshwa n’abapfumu.

Bamwe muri abo banyamwema, bakaba bagiye baracibwa amaboko, hamwe n’ibindi bihimba imbere y’uko bicwa. Akuma abo banyamwema bahawe, kakaba gashobora gutabariza umunyamwema, igihe ageramiwe, agira yicwe. Ako kuma kakaba kameze nk’inkengeri, giporisi kigashobora kumutabara atarashobora kwicwa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.