Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tanzaniya : Abigeme barabangamiwe n’ababaca kimwe mu bihimba bigize igitsina (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya : Abigeme barabangamiwe n’ababaca kimwe mu bihimba bigize igitsina (...)

Tanzaniya : Abigeme barabangamiwe n’ababaca kimwe mu bihimba bigize igitsina cabo

mardi 6 Nzero 2015

Abakobwa bo mu gihugu ca Tanzaniya bagera kuri 634 nibo bahungutse inyuma y’aho batereye bakomoka kubera gutinya gucibwa kimwe mu bihimba bigize igihimba c’irondoka.

Abo bakobwa nk’uko aya makuru tuyakesha ikinyamakuru ca Reta ya Tanzaniya abivuga, batanguye guhunga mu kwezi kwa Gitugutu umwaka uheze bava mu ntara ya Tarime aho uwo mugenzo wo guca kimwe mu bihimba bigize igihimba c’irondoka c’abakobwa (excision) ukaze. Abo bakobwa bakaba bari bahungiye mu ntara zitandukanye inyuma y’ukwitura amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n’akabagore y’aho muri ico gihugu.

Uwo mugenzo ukorwa na bamwe mu banyagihugu b’ico gihugu ukaba ugisibije nk’uko bivugwa n’umushikiranganji w’abakozi n’akazi asanzwe ari umukenyezi. Umupfasoni Gaudensia Kabaka akaba yarishikiye Masanga hamwe mu hagirwa uyo mugirwa wo gucacura ico gihimba c’abakobwa, yasavye abakuru b’imiryango kudasubira kuburagiza abakobwa kuko ico gikorwa kiri mu bihungabanya agateka k’abigeme.

Gaudensia Kabaka umushikiranganji w’abakozi n’akazi

babangamiwe nk’uko ikinyamakuru ca Reta Daily News kibivuga ni abakobwa biga mu mashure y’intango hamwe n’ayisumbuye bafise imyaka 10 kugeza kuri 16. Bamwe rero mubaca ivyo bihimba abana b’abigeme bakaba bafatwa bagafungwa n’aho uwo mugirwa udahebwa burundu.


Aristide Nizigire

Messages

  • ntivyoroshe kandi kumva hari abataye bakomoka, ni uko ico gikrwa kigayitse kibabaza cane. Ahandi umuntu yokwibaza ati ni ukubera iki Reta ya Tanzaniya itofata ingingo zo kubihagarika? Mbona umengo ni uguhohotera agateka ka kiremwa muntu.

  • Ba rutazibiryoshe bo barahari, igitangaje nuko mbona bigirwa n’abagore bazi icasongoye ihwa. Uwo mushikiranganji niba nawe barakamuciye hari hageze niba hatarengeranye ko afata ingingo ikibiriraho kandi ruahsa bigahagarara, ndetse badusubizeka aho badukuyeko.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.