Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tanzaniya: Uwuzoserukira CCM mu matora y’umukuru w’igihugu yamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya: Uwuzoserukira CCM mu matora y’umukuru w’igihugu yamenyekanye

Tanzaniya: Uwuzoserukira CCM mu matora y’umukuru w’igihugu yamenyekanye

dimanche 12 Mukakaro 2015

Docteur John Pombe Joseph MAGUFULI niwe yatowe n’umugambwe CCM uri ku butegetsi mu gihugu ca Tanzaniya ngo azowuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’igenekerezo rya 25 Gitugutu 2015.

Docteur MAGUFULI yatowe n’inama kaminuza y’umugambwe Chama Cha Mapinduzi(CCM) yabereye i Dodoma kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 12 Mukakaro.

Docteur MAGUFULI afise urupapuro rw’umutsindo rwo ku rugero rwa Doctorat mu gisata ca Chimie,yari asanzwe ari umushikiranganji w’akazi mu gihugu ca Tanzaniya,yarabaye kandi umushingamateka mu nama nshingamateka y’ico gihugu.

Docteur John Pombe Joseph MAGUFULI yavutse kw’igenekerezo rya 29 Gitugutu,umwaka w’1959


Van Naris Mugisha

Messages

  • ABANDI BO BARAZI KWITUNFANIRIZA IVYABO ABARUNDI TURAKWIYE KUHAKURA ICIRWA.

  • uburundi nibuzeburaba akarorro

  • NONEGA MANA DUSENGA,TWEHO ABARUNDI TUBAYABANDE! NONE ABANDI KOBASHOBOYEGUTUNGANYA IVYABO NEZA ABARUNDI TWABUZIKI! IMANA N IDUHURUKUNDO TUBABARANE NATWE.

  • Nikuki Reta Y’uburundi Yo Itorabira Kuri Tanza . Nkurunziza We Rabira Kubandi!!

  • Niyirambir nasangwijunjanijambomuriyimandat yos arikontazamerenka Nkurunziza

  • Nikuki Reta Y’uburundi Yo Itorabira Kuri Tanza . Nkurunziza We Rabira Kubandi!!

  • Ihende ryosha amavyi bitajana KIKWETE ararushije ubwenge kaboko,ubona atemeye kutanga umu candidat kugira igihugu gitungane none kashigikiye kaboko nagira nawe ariyongeza nkuko ashigikiye kaboko,Kaboko hakure icirwa hama nawe muriyi misi isigaye utange umukandida kugira ibintu vyorohe nayahandi ntayurimwo!!!!!

  • VOUS LES TANZANIENS VOUS ETES SERIEUX.IL FAUT QU’IL Y SOIT DU CHANGEMENT

  • aba dd nibige ingendo nkiyo tuv mukaga

  • ABARUNDI NI BIGIREHO AKARORERO

  • ABANDI BARUMVA ICO AMATEGEKO AVUGA NANJE NOHANURA PETERO NKURUNZIZA KUREKURA AKA KAMANDA KA 3 KUKO IGIPORISI CIWE KIRIKO KIMARA ABANTU BADASHIGIKIYE AKA KAMANDA KUBUSUMA.

  • KAMENGE,
    Abandi babishobora kuko batwarwa n’abantu bakwije ubwenge kandi batanyoye amaraso ya bene wabo. Mu Burundi canke mu bindi bihugu tubana, tugitwarwa n’abicanyi batinya ko bavuye ku butegetsi bashobora gukwirikiranwa n’ubutungane, bashitse ku butegetsi bazohamata mpaka babishe. Urihweza abakuru b’ibihugu bose bamata ku butegetsi ni banyoye amaraso ya bene wabo. Nivyo biriko bishika mu Burundi, mu Rwanda n’ahandi. Ariko impera n’imperuka bazohava kandi bazocirwa urubanza kiretse biyahuye kumwe kwa Hitler. Nkurunziza rero mu Burundi nabo bari kumwe ashobora kuba yaramaze gushika kuri urwo rugero rwo kwiyahura. Ikibabaje n’uko azogenda yisasitse ubuzima bwa benshi.

  • Ikibazo ca Tanzaniya nuko bariko barashigikira Nkurunziza kuri mandate ya gatatu kandi ntiberekane neza aho bahagaze!!! Nk’uko Kamenge abivuze abarundi twari dukiwuye kuhakura icigwa, ntanarimwe umu president wa Tanzaniya yogeze arenza mandat zibiri! Ntakundi Uwutema urwiwe bamutiza umuhoro!!!

  • Uburundi si Tanzania.Kandi abarundi ntibahuye nabatanzaniya nivyabaye iburundi sivyo vyabaye Tanzaniya Utwara uburundi naho yoba umugome nivyo kuko hariho abarundi bamwe babagome kuburyo badakubiswe inyagutwi batokumva.Nkurunziza Mumwanka mubesha uzobatwara;gusa muyo tuvuga tugire urupfasoni nayubundi bizohava bigorana.Abavuga ngo Yishe abantu;Uwishe abantu siwe wenyene kuko kuva nkurunziza ataranabaho ingoma ziburundi zamye zica abantu kuva ico gihe uwahanywe ninde?Mumbarire namba mumuzi?

  • Umugambwe N, Uwogira Incabwenge. Nka CCM.

  • Rayisi Jakay Mulisho Gikwete Nintwari!Nabere Akarorero Nkurunziza Nawe Ave Kubutegetsi Abarundi Bararushe!!!Ataraho Ntaho Azishikana Atari Iwabo W ’amaraso,...

  • Turarira mukaaririmba basha !!! Mugabo nta mvura irwa ng ntihite kandi ngo:

    urucira mukaso rugatwara nyoko !! Umusi mwiza kuri mwesi .

  • Uwuvugango Nkurunziza Siwewenyene Yisheabantu.Ahubwo Uwubivuze Akwiriwe Kuboherwa Ibuye Kwizosi Aga Tererwa Muri Tanganika Kuko Umuntuntiyokora Bibi Ngonuko Nabandi Babikoze Kuko Hakwigana Ikibi Wokwigana Ineza Niyo Iteza Imbere

  • Uwuvugango Nkurunziza Siwewenyene Yisheabantu.Ahubwo Uwubivuze Akwiriwe Kuboherwa Ibuye Kwizosi Aga Tererwa Muri Tanganika Kuko Umuntuntiyokora Bibi Ngonuko Nabandi Babikoze Kuko Hakwigana Ikibi Wokwigana Ineza Niyo Iteza Imbere

  • HUYO MZEE HAFAI KUIONGOZA NCHI AMA KWELI TANZANIA YAMEKWISHA

  • Abantu muri ko mugira ama comentaires muratangaje nagomba ndabakebure bashikiriza comentaires ijanye ninkuru ntibashikiriza comentaires ihushanye nivyanditse ariko ndavye ingene muca mukorokera kuburu di Birerekana neza ntihenze ko hariho abamaze kurwara mumutwe batakimenya niryari bavuga bavuga iki babivugira hehe ca c est de la folie harakenew ko muraba mumitwe yanyu muganga akaraba ico yobabwira.Kukijanye nuwatow ntabuyobozi butava kumana tiramukeje tumwipfurije abarundi guterimbere nkumuzinga nugutsinda nka Nkurunziza abipfuza gutwara badatowe bacire birarura abipfuza democratie babanje kuyihonyanga bacire birarura
    nkaba nteye akamo abataraja mwishamba ngo bajeyo barabe ivyo twabacuze kuko twebwe twaravuyeyo nabo bazovayo batwara igihugu tubahaye kalibu abihaze bose

  • Hongera viongozi wa tz.tangu mwalimu J.K NYERERE,Ali Hassani Mwinyi,Benjamini MUKAPA,hadi J.mulisho Kikwete,mulionyesha kuwa nnchi yenu si ukumbi wa vita.asante kwa kupokea wakimbizi wetu tangu mwaka 1972 hadi sasa.mungu awabariki na muiombee burundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.