Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tanzaniya: Yemeje ko afise ubushobozi bwo kuzura umuhisi Mwalimu Julius (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya: Yemeje ko afise ubushobozi bwo kuzura umuhisi Mwalimu Julius (...)

Tanzaniya: Yemeje ko afise ubushobozi bwo kuzura umuhisi Mwalimu Julius Nyerere

samedi 13 Mukakaro 2013

Mu gihugu caTanzaniya, hari umutama avuga ko afise ubushobozi bwo kuzura ata ngorane nyakwigendera Mwalimu Julius Nyerere, akamugarukanira ubuzima.

Nk’uko vyatangajwe n’ibinyamakuru bitandukanye vyo muri Tanzaniya harimwo Kyera FM, ari naho uwo mutama yatangarije iyo nkuru yiwe avuga ko afise ubushobozi nk’ubw’Imana bwomutuma azura umuhisi Mwalimu Julius Nyerere yitavye Imana kw’igenekerezo rya 14 Gitugutu 1999.
Ariko abantu benshi ntibemeye ivyo uwo mutama avuga.

Inyuma y’indwi zibiri iyo nkuru y’uyo mutama ivuzwe, uwundi mugabo yamenyesheje ko yazuye umwana w’umwigeme yari yaritavye Imana mu mwaka w’i 2010 afise imyaka 15 y’amavuko.

Kuri iyo nkuru y’uwo mwigeme bavuga ko yazutse inyuma y’imyaka itatu ashinguwe, abavyeyi biwe baremeza neza ko yazuwe yari yarapfuye, ubu akaba ari muzima.

Uwo mutama avuga ko afise ubushobozi bwo kuzura umuhisi Nyerere, hari mu kiganiro yatanze kuri radiyo Kyera FM. Yavuze ko afise urufunguzo ruzomufasha kuzura Mwalimu Nyerere.
Abandanya avuga ko niyamara kuzura Nyerere, ico yipfuza n’uko Mwalimu Nyerere yoja mu biyamamaza mu matora azoba mu mwaka w’2015, abe ariwe aca atsindira ayo matora kugira ace asubira kurongora igihugu ca Tanzaniya. Si ivyo gusa, ashaka ko baca bafashanya kurongora igihugu ca Tanzaniya bari kumwe muri Leta.

JPEG - 91.3 ko
Umutama yemera ko ashobora kuzura Mwalimu Julius Nyerere akamusubiza ubuzima

Ico asaba Leta ya Tanzaniya ubu, n’uko bomufasha kugera I Butihama ahashinguwe uwo yahoze arongoye igihugu ca Tanzaniya, Mwalimu Julius Nyerere.

Twobibutsa ko Mwalimu Kambarage Julius Nyerere yari yavutse itariki ya 13 Ndamukiza 1922, ayobora igihugu ca Tanzaniya cahoze citwa Tanganyika kuva mu mwaka w’1961 kugeza mu mwaka w’1985. Yaciye yitaba Imana kw’itariki ya 14 Gitugutu 1999. Urupfu rwiwe rukaba rwarababaje Afrika yose kubw’ukwitanga kwiwe yagiye yerekana mu kazi kiwe, no guharanira n’ubwigenge bwa Afrika.

JPEG - 47.4 ko
Mwalimu Julius Nyerere yitavye Imana ku genekerezo rya 14 Gitugutu 1999

Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.