Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tanzaniya : Yishwe abanje gucibwa bimwe mu bihimba vyiwe kuko ari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya : Yishwe abanje gucibwa bimwe mu bihimba vyiwe kuko ari (...)

Tanzaniya : Yishwe abanje gucibwa bimwe mu bihimba vyiwe kuko ari umunyamwema

vendredi 20 Ruhuhuma 2015

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko riteye ivyatsi ubwicanyi bwakorewe umwana w’amezi 18 w’umunyamwema wo mu gihugu ca Tanzaniya.

Yohana Bahati akaba yishwe aciwe amaboko n’amaguru n’abantu bataramenyekana. Zeid Ra’ad al Hussein aserukira igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe agateka ka zina muntu, avuga ko yakiranye umubabaro ubwo bwicanyi bwakorewe uwo mwana, agasaba ko abategetsi bo mu nzego zo hasi, bokora ibishoboka vyose bakavuga uwishe uwo mwana. Zeid Ra’ad al Hussein, akaba asaba abategetsi ba Tanzaniya, gukoresha inguvu zose bafise, bahagarike ubwo bwicanyi butagira izina, ndetse ababikora bahanwe bimwe vy’akarorero.

Alvaro Rodriguez aserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU aho muri Tanzaniya, akavuga ko mu gihe amatora yegereje, abanyamwema bazobangamirwa rwose, kuko benshi bafata ibihimba vy’abanyamwema bakabijana mu barozi n’abapfumu, mu gihe bibaza ko baca batera imbere mu vyo bakeneye. Mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bakavuga ko ivyo bihimba binadandazwa amafaranga angana n’amadolare 600 gushika ku 7500 vy’ayo manyamerika. Igihugu ca Tanzaniya kigasabwa ko ubwo bwicanyi bwohagurukirwa bukagwanywa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.