Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Taylor yasubiriye gusaba kujanwa gupfungirwa mu Rwanda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Taylor yasubiriye gusaba kujanwa gupfungirwa mu Rwanda

Taylor yasubiriye gusaba kujanwa gupfungirwa mu Rwanda

vendredi 20 Ruheshi 2014

Uwahoze ari umukuru w’igihugu wa Liberia, Charles Taylor, yashingishije urubanza yiyamiriza gupfungirwa mu Bwongereza. Asaba gupfungirwa muri Afrika mu gihugu c’Urwanda, hafi y’umuryango wiwe

Charles Taylor w’imyaka 66 ari mw’ibohero mu Bwongereza, akaba yakatiwe gupfungwa imyaka mirongo itanu, kuva yagiriwe n’ivyaha vyo guhohotera kiremwa muntu.
Charles Taylor avuga ko kuba apfungiwe mu Bwongereza, bimubuza uburenganzira bwiwe bwo kugira umuryango. Ababuranira Charles Taylor bavuga ko ahubwo yari akwiye gupfungirwa mu Rwanda, co kimwe n’abandi banyororo bagirijwe ivyaha na sentare ya ONU ikukira Sierra Leone.
Charles Taylor akurikiranwako ivyaha vyo gufata ku nguvu, ubwicanyi hamwe no gukoresha abana mu gisirikare mu gihe c’intambara yabaye muri Sierra Leone kuva mu mwaka w’1991 gushika mu 2002.

JPEG - 28 ko
Charles Taylor asaba ko yopfungirwa mu Rwanda, aho umuryango wiwe ushobora gushika kumuramutsa

Ababuranira uwo wahoze ari umukuru w’igihugu ca Liberia bamenyesha ko kuba apfungiwe mu Bwongereza bihonyanga uburenganzira bwiwe, kuko ari kure cane ya Afrika, ku buryo umuryango wiwe, umugore wiwe n’abana cumi na batanu afise badashobora kumuramutsa.

Ikindi gituma Charles Taylor yisabira gupfungirwa muri Afrika mu gihugu c’Urwanda, ni kubera atinya kugirirwa nabi n’abo bapfungiwe hamwe mw’ibohero rya Frankland riri mu buraruko bw’igihugu c’Ubwongereza.

Charles Taylor yatwaye igihugu ca Liberia kuva mu mwaka w’1997 gushika mu 2003. Niwe yabaye umukuru w’igihugu wa mbere aciriwe urubanza na sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Sentare ya gisirikare y’i Nuremberg yamuciriye umunyororo w’imyaka 50.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.