Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tchad : Ingingo nshasha kuri Centrafrika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tchad : Ingingo nshasha kuri Centrafrika

Tchad : Ingingo nshasha kuri Centrafrika

lundi 12 Rusama 2014

Ingingo zugara urubibe igihugu ca Centrafrika gihana na Tchad zafashwe n’umukuru w’ico gihugu, aho avuga ko izo mbibe zizosubira kwugururwa, ari uko ingorane ziri muri ico gihugu zitorewe umuti.

Idriss Deby Into akaba yamenyesheje ivyo, mu gihe yari mu rugendo mu Bumanuko bw’ico gihugu i Daha, ko urubibe bahana n’igihugu ca Centrafrika rwugawe, gushika ingorane ziri muri ico gihugu zitorewe umuti. Ivyo uwo mukuru w’ico gihugu akaba abivuze inyuma yaho, abasirikare biwe bari gufasha kugarukana amahoro muri ico gihugu basubirijwe iwabo, bagirijwe gucucagira amasasu mu banyagihugu, haraheze ukwezi kwose.

Ariko Deby akavuga ko umunyagihugu wese avuka muri Tchad yoba akiri muri Centrafrika ariko akipfuza gutahuka, ko urubibe azorwugururirwa neza cane, ariko ibikorwa hamwe n’imigenderanire kuri urwo rubibe bikaba bihagaritswe, ndetse hakaba hagiye kurwizwa n’abasirikare bazocungera imbibe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.