Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tchad : Umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tchad : Umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho

Tchad : Umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho

jeudi 21 Munyonyo 2013

Joseph Djimrangar Dadnadji, arembejwe n’inzandiko zo kumuhagarika, yahisemwo kwandikira ikete ryo gutanga imihoho umukuru w’ico gihugu Idriss Déby kuri uyu wa kane igenekerezo rya 21 Munyonyo 2013.

Joseph Djimrangar Dadnadji ati :« Igenekerezo rya 21 Nzero, mwampamagaye munshinga amabanga adasanzwe, mungira Umushikiranganji wa mbere, muranyizera, mumpa gusubiramwo imigambi yose yatumye mutorwa n’abanyagihugu. Ariko umwizigirwa mwangize si we benshi bari mu ntwaro yanyu bangira, kuko ivyo nkora bitabashimisha. Kubera ingaruka mbi bishobora gutera, ndatanze imihoho ». Ivyo biri mw’ikete yandikiye Idriss Déby Itno, ryasomwe ku mboneshakure y’igihugu hari nk’isaha indwi n’inusu 13h 30.

Imbere y’uko asubiza mutamana w’umushikiranganji wa mbere uno munsi mu gitondo, Joseph yari intwari ikomeye. Yari mu rugamba ryo kwigisha icarico poritike abatowe, ariko nabo ntibamuraba ryiza kuko hariko hategurwa urwandiko rwo kumuhagarika we nabo basangiye umugambwe, bari mu nzego bashika kuri 74.

Kutumvikana muri MPS

Bivugwako yoba ari Idriss Déby Itno yamusavye gutanga imihoho kugira ntashire ahabona ukutumvikana kuri mu mugambwe wiwe, ari nawo uri k’ubutegetsi. Mu mubonano bagiranye na Idriss Déby Itno, yamusavye ibintu bi biri : gutanga imihoho canke aje mu nama nshingamateka aho Joseph yoba yikengereje. Yahisemwo rero gutaha imihoho.

Aho rero hari hasohotse urwandiko rumwagiriza kuba atavyifashemwo neza mu gihe c’amakuba, bamwagiriza kuba yaguma asaba ihindagurwa ry’agasakisaki ry’ubutegetsi vyabaye incuro zitanu mu mezi 10, ko atatoreye inyishu ubuzima buzimvye, guhagarikwa kw’abashingamateka bitubahirije ubudahangarwa bwabo hamwe n’itunganywa ribi ry’ikarata y’abanyeshure.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.