Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Theo Walcott akina muri Arsenal yarushinze na Melanie Slade - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Theo Walcott akina muri Arsenal yarushinze na Melanie Slade

Theo Walcott akina muri Arsenal yarushinze na Melanie Slade

mardi 25 Ruheshi 2013

Umukinyi akinira umurwi wa Arsenal wo mu Bwongereza, Theo Walcott yagize urubanza rw’ubugeni n’umukunzi wiwe Melanie Slade bakundanye haraheze igihe kinini, urubanza rwabo rukaba rwabereye mu Butariyano.

Urwo rugo n’urw’abakiri bato kuko bose batarenza imyaka 24 y’amavuka, urubanza rwabo rukaba rwabereye ahitwa Castello di Vincigliata mu gace ka Tuscany mu mpera z’iyi ndwi iheze. Aganira n’ikinyamakuru Hello! Theo Walcott yagize ati “biranshimishije kuba nemerewe guhamagara Melanie umupfasoni wanje. Ubu turanezerewe cane ku vyiza turindiriye ejo. Sinibaza ko kugira ubugeni hari ico bizohindura ku kubana kwacu ahubwo bizodufasha mu kutubanisha neza, kuko ni iki namye nshaka kuva kera.

Melanie yari mu mashure yiwe igihe Theo yatorwa mu murwi wo mu Bwongereza, maze agatorwa gukina mu gikombe c’isi co mu mwaka wa 2006, aho amenyesha ko wari umunsi ukomeye cane kuri we. Melanie ati “Urya munsi ndaba Theo andindiriye kuri arutari nyeranda vyari binezereye cane. Avuga ko ubugeni n’uwo ukunda cane ari vyiza kandi bituma umuntu agira n’ubwoba hanyuma akarushirizaho kwitwararika imibanire yiwe n’umukunzi wiwe kubera ari intambwe ikomeye muba muteye mu rukundo rwanyu.”

Twokwibutsa ko uyo mwigeme yakundanye na Theo mu mwaka wa 2004 bahuriye ahitwa West Quay bagiye gusuma mu gace ka Southampton aho yakina mu murwi w’abakiri bato.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.