Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tunisia: Iyicwa rya Shokri Belaid yahora arwanya Reta - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tunisia: Iyicwa rya Shokri Belaid yahora arwanya Reta

Tunisia: Iyicwa rya Shokri Belaid yahora arwanya Reta

mercredi 6 Ruhuhuma 2013

Muri Tunisia hadutse imyiyerekano y’abatavuga rumwe na Reta inyuma yaho umukuru wabo Shokri Belaid yiciwe.

Belaid yishwe arashwe. Yanegura cane umugambwe wa kiisilamu Ennahda uri ku butegetsi.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bagiriye iyo myiyerekano ku murwa mukuru Tunis no mu gisagara ca Sidi Bouzid aho iyo myiyerekano yatanguriye.

Abigaragamvya bavuga umugambwe Ennahda ariwo uri inyuma y’iyicwa rya Belaid.
Igipolisi cakoresheje ivyuka vyokera mu maso kugira gishwiragize abo bantu.

Umukuru w’umugambwe Ennahda, Rached Gannouchi yiyamirije ubwo bwicanyi, avuga ko abishe Belaid atakindi bashaka atari gusesa amaraso.


Jean Marie Ndayikengurutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.