Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tunisie : Abashikiranginji biteguye gutanga imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tunisie : Abashikiranginji biteguye gutanga imihoho

Tunisie : Abashikiranginji biteguye gutanga imihoho

lundi 11 Ruhuhuma 2013

Abashikiranganji batanu bari m’umugambwe uri k’ubutegetsi laic Moncef Marzouki baramenyesheje ko bagiye gutanga imihoho kuri uyu wa mbere ngo mu gihe umuryango waba islam wa Ennehda utokwemera ko abashikiranganji babo babiri bava k’ubutegetsi.

Nk’uko amakuru atagwa n’imbonesha kure y’abafaransa abivuga,
umunyamababanga wa Reta ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Hedi Ben Abbes akongera akaba n’umunyamabanga mukuru m’umugambwe yaramenyesheje kuri AFP ko ibiri muri iryo tangazo bikorwa kuri uyu wa mbere. « Kugira mubimenye, dutanze isango kuri uyu wa mbere munyubakwa za CPR mukiganiro duha abanditsi n’abamenyesha makuru », nk’uko uwo munyamabanga yabivuze.

Arongera kuvuga ati : « Simpakanye kandi sinemeza itangamihoho ry’abashikiranganji ba CPR ». Ivyo akaba yabivugiye k’umurongo wa FM w’iradiyo Shems-FM.

Umushikiranganji wa mbere Hamadi Jebali, abajijwe n’imbonesha kure y’abarabu Al Arabiya, yaravuze ko yari yateguye kwigisha abari k’ubutegetsi atamigambwe irimwo nayo ivyo gutanga imihoho ntiyabitevyeko.

M.Jebali, inomero ya kabiri muri Ennahda, we ashaka kwigisha abari k’ubutegetsi ibidahwanye n’ivyiyumviro vyo m’umugambwe wiwe.
CPR iharura ubu, abashikiranganji batatu n’abanyamabanga ba Reta babiri muri ubwo butegetsi.

Bikaba vyari vyavuzwe kw’igenekerezo rya kabiri Ruhuhuma ko abo bategetsi bazotanga imihoho mu gihe abashikiranganji b’imigenderanire n’ayandi makungu be n’ubutungane bava muri Ennehda bagumye k’ubutegetsi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.