Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tunisie: Abategetsi b’igihugu birukanywe mu birori vy’ugushingura (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tunisie: Abategetsi b’igihugu birukanywe mu birori vy’ugushingura (...)

Tunisie: Abategetsi b’igihugu birukanywe mu birori vy’ugushingura abapolisi

vendredi 18 Gitugutu 2013

Umukuru w’igihugu ca Tuniziya Moncef Marzouki n’umushikiranganji wiwe wa mbere Ali Larayedh birukanywe n’abaserukira amasendika y’abapolisi mu birori vyo gushingurana iteka abapolisi bagandaguwe, batewe igrenade n’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho.

Abari mu myiyerekano bamwe bari mu mwambaro w’igipolisi abandi nabo bari mu mwambaro usanzwe, bakaba birukanye umukuru w’igihugu n’icegera ciwe mu kubabwira amajambo mabi, avanze n’ibitutsi. Abo bategetsi ukwo ari babiri, bari kumwe n’umukuru w’inama nshingamateka, bakaba birukanywe ubutarariye, atan’ijambo bashikirije ryo guhumuriza imiryango yabuze, canke ngo bayihoze ku maziko y’abo bashinzwe umutekano. Abo bapolisi bakaba bashikirije ko badakeneye umunyapolitike n’umwe iruhande yabo.

Abari muri yegereyegere bakaba bari bafise ivyapa biriko amajambo asaba guhindura amategeko, ayo nayo akazotuma abapolisi bashobora gukingirwa. Muri ivyo bikorwa akaba ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati wenyene Lotfi Ben Jeddou yari ahari, nawe mw’ijambo rigufi yashikirije, akaba yateye ivyatsi ibikorwa vy’iterabwoba.

Twobibutsa ko muri aya mezi aheze, amasendika ahurikiyemwo abari mu nzego z’umutekano, bagize yegereyegere z’urutavanako biyamiriza ibura ry’ibikoresho vya gisirikare n’ubundi buryo kugira bahangane n’imirwi y’ abajihadiste igisibije.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.