Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tunisie :Umwe mu bigeme bahora baja mu mabarabara bari gusa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tunisie :Umwe mu bigeme bahora baja mu mabarabara bari gusa (...)

Tunisie :Umwe mu bigeme bahora baja mu mabarabara bari gusa yisubiyeko

mercredi 21 Myandagaro 2013

Umwe mu bigeme bakomeye muri wa murwi w’abiyita aba Femen bo mu gihugu ca Tuniziya, ndetse bakunze kugira za yegereyegere bambaye ubusa mu gikiriza, yaraye afashe ingingo yo kuva muri uyo murwi, ndetse akaba yagiriza abawurimwo kuba bafise ingendo y’ukurwanya idini rya Islam.

Mu kiganiro Amina Sbouï umwigeme w’imyaka 18 yatanze ku mugaragaro, yavuze ko avavanuye n’uyo murwi. Mu kwezi kwa Ndamukiza igihe barekaniye amafoto ya Amina Sboui amabere yiwe ari hejuru ndetse bigaca bituma anamenyekana cane kw’isi, yahavuye ahungira mu muryango iwe kuko bitamunezereye ndetse inyuma y’iminsi mike, ibendera ry’abasiramu ryaratuririwe mu gihugu c’Ubufaransa imbere y’umusigiti w’abasiramu mu gisagara ca Paris, ivyo vyose kuri we bica biza bisongera isibe, mu gutuma urukundo yakunda uyo murwi rugabanuka.

Muri ico kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yavuze ko avavanuye n’uyo muhari w’abantu atakindi barota atari ugucafuza izina ry’idini rya Islam, ndetse aca avuga ko ababazwa cane n’ukubona izina ryiwe ryari muri abo barwanya idini. Avuga ko iturirwa ry’ibendera ry’idini rya Islam vyababaje abasiramu ndetse n’abamwe mu muryango wiwe, arico gituma vyoba vyiza abantu bubahirije ukwemera kw’abandi. Amina akaba anegura ahava uburyo bufasha abo bigeme bagira yegereyegere bari gusa, avuga ko igihe amazeyo atazi ahava amafaranga bakoresha, ariko ko bafise amafaranga menshi, kandi biteye amakenga.

Aremeza ko yabajije akatari gake Inna Shevchnko ava mu gihugu ca Ukraine ndetse akaba ari umukuru wabo ahava amafaranga bakoresha, ariko akaba ataco yamubariye gitomoye. Abavugo ko amafaranga bakoresha yoBa ava mu gihugu ca Israel, we avuga ko atavyo azi. Ariko avuga ko imvo nyamukuru y’abafemen ari ukutarondoka, bagashaka guharanira amateka y’abakenyezi ku nguvu. Avuga ko hari abakenyezi batari bake bambuye impuzu zabo bafashwe n’ibishobisho ngo bariko barashigikira abari muri uyo murwi,n’agateka kabo batazi ivyo bariko barashigikira vy’ukuri.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.