Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tunisie : Inyubakwa zitari nke za Reta zaturiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tunisie : Inyubakwa zitari nke za Reta zaturiwe

Tunisie : Inyubakwa zitari nke za Reta zaturiwe

vendredi 10 Nzero 2014

Inyuma y’intureka hagati y’abagize imyiyerekano hamwe n’abajejwe umutekano mu karere k’i Kasserine, inyubakwa za Reta, n’ibirindiro vy’igipolisi vyaraturiwe mw’ijoro ryo kuri uno wa gatatu rishira uwa kane i Feriana, hamwe n’i Meknassy hagati mu gihugu ca Tunisiya.

Abo bariko bagira imyiyerekano baturiye inyubakwa nyinshi za Reta i Feriana hamwe n’i Meknassy. Mu karere k’i Kasserine, abariko bagira imigumuko bagera kw’ijana bateye ikirindiro c’igiporisi, aho batorokaniriza amakori, hamwe n’ibanki, imbere yo kuhaturira.
Igiporisi kikaba cabanje kubasukamwo vya vyuka bikoroza amosozi kugira bashobore kwigirwayo. Ku bari aho habereye ivyo bitero, iyo migumuko yamaze isaha imwe irenga.

Muri iyo mishamirano yabaye mw’ijoro ryo ku munsi wa gatatu hakaba haturiwe imiduga ibiri hamwe n’ikirindiro c’igiporisi caturiwe.
Abategetsi bo muri Tunisiya ntaco bigeze bavuga ku vyoba vyahononekariye kandi intureka iguma ishuha uko bukeye uko bwije. Kimwe rero mu vyatumye haba iyo ntureka ni agashavu kavuye mu gusabwa kuriha amatagisi yo gutwara abantu n’ibintu.
Mw’itangazo ryasohotse ku munsi wa gatatu, sendika UGTT (Union Générale Tunisienne du Travail) yaraneguye iyo nyifato y’abo bariko bagira imyiyerekano, ariko umugambwe w’aba Islamiste Ennahdha wowo ukaba wamenyesheje ko batahura abo bakoze imyiyerekano, basaba ko ayo matagisi mashasha yashinzwe yosubirwamwo neza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.