Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tunisie: Urwaruka rwatunganije imyiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tunisie: Urwaruka rwatunganije imyiyerekano

Tunisie: Urwaruka rwatunganije imyiyerekano

samedi 9 Ruhuhuma 2013

Urwaruka rwo mu mugambwe Ennahdha ruhamagarira abandi mu myiyerekano yateguwe kuri uyu wa 6 igenekerezo rya 9 Ruhuhuma ,2013.Iyo rero ngo ikaba ari imyiyerekano yambere izoba ibaye inyuma yaho hiciwe umwe mu batavuga rumwe na Reta ya Tunisie Chokri Belaïd.Ivyo bikaba biri mumakuru dukesha ikinyamakuru jeuneafrique.

Ayo makuru nyene abandanya avuga ko urwo rwaruka ruriko ruhamagarira abantu mu myiyerekano yateguwe kuri uyu wa gatandatu inyuma y’umutaga, kugirango baharanire ko inzego zigenzura ibikorwa vya Reta zikora zisunga ineza ya bose.

Ivyivugo vy’iyo myiyerekano ni: guharanira ko inzego zijejwe gutora amategeko no kugenzura Reta zokora ku neza yabose,hamwe no kugwanya akarenganyo.

Iyo myiyerekano rero bikaba bitegekanijwe ko itangura isaha indwi z’umutaga,kw’isaha mpuzamakungu, kwibarabara ryitiriwe Habib Bourguiba hagati mumugwa mukuru Tunis.


Marie claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.