Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tuniziya : Amina Sboui-Tyler yasubiye kwiyerekana amabere ari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tuniziya : Amina Sboui-Tyler yasubiye kwiyerekana amabere ari (...)

Tuniziya : Amina Sboui-Tyler yasubiye kwiyerekana amabere ari hejuru

vendredi 16 Myandagaro 2013

Amina Sboui-Tyler ari muri bamwe biyita aba Femen bo mu gihugu ca Tuniziya, yaraye asubiye kwiyerekana amabere yiwe ari hejuru ku muhora w’ubuhinga ngurukana bumenyi w’iryo shirahamwe, aho yavuga ko badakeneye intwaro rusangi ivurwa n’abategetsi b’ico gihugu, itabi riri ku munwa.

Amina Sboui-Tyler yasohotse ibohero rikuru ry’igihugu ca Tuniziya kuri uyu wa mbere Myandagaro. Inyuma y’indwi zibiri gusa, akaba atanguye gusomborotsa ubutegetsi yiyerekana amabere yiwe ari mu kirere. Mu gikiriza ciwe, hakaba handitse mu majambo ari mu rurimi rw’icongereza ngo: “ We don’t need your democraty” bisigura ngo ntidukeneye iyo ntwaro rusangi yanyu. Ivyo rero bakaba babikora mu ntumbero yo kwiyamiriza amabwirizwa amwe amwe afatwa n’aba islamistes baba Ennahdha bari ku butegetsi.

Uyo mugore wo mugihugu ca Tuniziya akaba yari yafashwe mu kwezi kwa Rusama, aca ajanwa ubutarariye gupfungwa, mu gihe yari yagirijwe ko yari mu karwi ka bamwe mu bariko bariyereka mw’ibarabara amabere yabo ari hejuru, ndetse aca yagirzwa n’ivyaha harimwo ivy’uguhungabanya umutekano, n’ukugumura abanyagihugu. Naho yasubiye kwiyerekana ari gusa, ubutungane ntibwari bwa mweze, ahubwo akaba ari mu gihe c’ukwidegemvya ivy’agateganyo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.