Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tupac Shakur yoba yaragarutse kw’isi? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Tupac Shakur yoba yaragarutse kw’isi?

Tupac Shakur yoba yaragarutse kw’isi?

vendredi 7 Ntwarante 2014

Igihe hariko haba urukino r’umupira w’amaboko basketball rwahuza imirwi ya Boston celtics na Golden State Warriors hoba harabonetse umuntu abaraho bose babonye asa cane n’umuririmvyi wo mu mudiho wa rap Tupac Shakur .

JPEG - 20 ko
uwo yambaye agatambara mu mutwe ni we bise Tupac Shakur

Umuntu asa cane na Tupac Shakur yarabonetse mu rukino rw’umupira w’amaboko Basketball rwahuje imirwi ya Boston Celtics n’umurwi wa Golden State Warriors. Igihe bamubona hariko havuzwa ururirimbo rwiwe rwakunzwe cane rwitwa California love. Nk’uwitwa Ande Iguodala yariko ararorera urwo rukino yanditseko yiboneye amaso mu yandi Tupac Shakur. Ivyo vyatumye aba n’abandi bibaza ukuntu uwo muririmvyi w’umudiho wa Rap yoba yaragarutse kw’isi.

JPEG - 177.2 ko
Isanamu y’ukuri ya Tupac Shakur

Mukurangiza tubibutseko muririmvyi Tupac Amaru Shakur yapfuye afise imyaka 25 arashwe mu gisagara ca Las vegas kiri mu ntara ya Nevada, hari kw’igenekerezo rya 3 Nyakanga 1996. Yapfuye amaze kugurisha inkwirikirane z’indirimbo zirenga imiriyoni 75 (75 millions d’Albums).

Abatari baherutse kwumva indirimbo za Tupac Shakur, umviriza aha munsi ururirimbo "California Love"


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.