Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
‘’ Twijukire gusoma ryo soko ry’ubumenyi ’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > ‘’ Twijukire gusoma ryo soko ry’ubumenyi ’’

‘’ Twijukire gusoma ryo soko ry’ubumenyi ’’

mardi 26 Munyonyo 2013

Abanyagihugu barakwiye kwijukira gusoma ibitabo ryo soko ry’iterambere, ivyo ni ivyamenyeshejwe na Francine Nahimana arongoye ububiko bw’ibitabo bise savoir plus ,faire plus’’

Abarundi na cane cane urwaruka, barakwiye kwijukira gusoma ibitabo, ryo soko ry’ubumenyi bivugwa na na Francine Nahimana . Amenyesha ko iyo umuntu asoma ibitabu amenya vyinshi. Ku bw’iwe kudasoma si kubera umuntu aba atabishaka, ahubwo ni kubera ibitabo bizimvye canke naho umuntu akabura aho abikura kuko bitegereye abanyagihugu.

Arangiza asaba ko hokwiragizwa ibitabo mu gihugu cose kugira abana b’abarundi baronke ubumenyi bukwiye, kuko gusoma niho umuntu akura inyigisho ndetse akamenya n’imico y’ahandi. Asaba ko mu mashure abigisha bohimiriza abana gusubira gusoma, hakabaho inyigisho ku bakiri bato, niko abandanya avuga.

Mwomenya ko ububiko savoir plus, faire plus bwuguruye ibikorwa vyabwo guhera igenekerezo rya 1 Myandagaro 2012 mu ntumbero yo gukundisha abarundi gusoma na cane cane mu mashure.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.