Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Twiyemeje kuzoshika ku ntambwe ishemeye mu rurimi rw’icongereza" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > "Twiyemeje kuzoshika ku ntambwe ishemeye mu rurimi rw’icongereza"

"Twiyemeje kuzoshika ku ntambwe ishemeye mu rurimi rw’icongereza"

samedi 22 Ruheshi 2013

Mu ntumbero yo kuzoshobora kworoherwa ku bijanye no guhiganwa n’ibihugu dusangiye akarere ka Afrika y’ubuseruko, urwaruka rwo muri komine Kanyosha rwiyemeje kuja hamwe kugira rushobore gutorera inyishu ico kibazo.
.
« Kanyosha English Club » ni ihuriro ry’urwo rwaruka kugira bashobore kwigishanya ururimi rw’icongereza, ari nayo nzira babonye irashe kugira bashobore kuzoyaga ata ngorane n’abantu batandukanye baturuka mu bihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, ndetse n’ayandi makungu.

Twarashoboye kuyaga n’urwo rwaruka kugira rutumenyeshe uko biyumviriye gutanguza ivyo bikorwa. Batumenyesheje ko bivyiyumviriye kubera babona ko ururimi rw’icongereza rukenewe muri iki kiringo tugezemwo, kubera ko aha iwacu mu Burundi urwo rurimi abantu benshi batariko bararwiga kandi ari ngirakamaro haba ku bakeneye guhiganwa muvy’akazi canke abanyeshure boja kwiga mu bindi bihugu.

Urwo rwaruka rumenyesha ko akamaro ka Club ari ukuja hamwe hanyuma bagashobora guhanahana ivyiyumviro kuko usanga hari abarusha abandi. Binabatuma kandi barinduka bagashira ubwoba mu kuvuga ururimi rw’icongereza.

Nk’uko abasanzwe bahurikiye muri iyo Club babivuga, barahamagarira urwaruka rwose rutarajijukira ururimi rw’icongereza kugira ruhaguruke narwo rushobore kuzoyaga n’abantu batandukanye bava mu karere ka afrika y’ubuseruko narirya ko Uburundi arico gihugu kidakoresha cane ururimi rw’icongereza mu karere duhurikiyemwo.

Ariko rero, naho bihaye ico gikorwa co kwigishanya ururimi rw’icongereza ku buntu, bahura n’ingorane zitari nke ari naco gituma basaba Leta ko yobafasha, ikabaronsa nk’ibitabo.


Prosper Ndayikeza

Messages

  • Jewe ico ciyumviro ndagishigikiye kuko ndazi akamaro icongereza kimaze kuva aho ndacigiye, maze guhura nabantu batandukanye bava mubihugu bitandukanye kandi na cane cane twebwe abarundi nkiyo tuba turiko tuganira igiswahili nabene wacu b’abakenya canke abatanzaniya ducanga igiswahili nigifaransa mugihe bo bacanga igiswahili n’icongereza. Icambere urwaruka ruhagurutse rukiyigisha icongereza bizorworohera kuganira neza nabo babanyi bacu ikindi naco mugihe boronka uburyo bwo kuja kubandanya amashure yabo mubindi bihugu ntangorane bazoronka kuko naje nico canfashije kwiteza imbere muvyerekeye education na communication y’abantu batandukanye, ni mu komeze kandi bishobotse mwotangura na site ya chat kuri internet yo kwigishanya natwe twabatanguriye kwiga urwo rurimi bizodutera akanyamuneza guhanahana amajambo na gutezanya imbere kuko natwe twigishijwe n’abadutanguriye!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.