Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
U.A busavye Sentare y’i La Haye guhagarika gukurikirana abategetsi bakiri mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > U.A busavye Sentare y’i La Haye guhagarika gukurikirana abategetsi bakiri mu (...)

U.A busavye Sentare y’i La Haye guhagarika gukurikirana abategetsi bakiri mu mabanga yabo

lundi 14 Gitugutu 2013

Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika(U.A) ryasavye ko sentare mpuzamamakungu mpanavyaha yohagarika gukurikirana abategetsi Uhuru Kenyatta na William Ruto naho bagirizwa ivyaha vy’agahomeramunwa n’ihonyabwoko ryakozwe mu ntambara. Ku bw’iryo shirahamwe, iyo sentare mpuzamakungu irangwa n’agacinyizo hamwe n’ikumira rifatiye ku rukoba.

Abakuru b’ibihugu n’ama leta aho baherutse gukoranira i Adis-Abeba mu nama y’Ubumwe bw’Africa, barasavye ko Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha yohagarika kuza irakurikirana abategetsi bairi mu mabanga yabo. Aha bakaba baciye basaba iyo sentare guhagarika gukurikirana umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta hamwe n’icegera ciwe William Ruto.

JPEG - 12.1 ko
Uhuru Kenyatta, umukuru w’igihugu ca Kenya

Mu cegeranyo ciyo nama idasanzwe y’abakuru b’ibihugu n’amaleta, hasabwe guhagarika gukurikirana umukuru w’igihugu ca Kenya hamwe n’icegera ciwe nk’uko biri mu ngingo ya 16 y’amategeko ya Roma yisunzwe mu gushinga iyo sentare mpuzamakungu mpanavyaha (article 16 du statut de Rome , Traité fondateur de la CPI) . Muri iryo tegeko inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ishobora gusaba iyo sentare guhagarika amatohoza canke gukurikirana mu kiringo c’umwaka wose, ikiringo gishobora kwongerezwa uko umwaka uheze. Bigasabwa ko ivyo bisabwa vyoba vyagiye mu ngiro imbere y’igenekerezo rya 10 Munyonyo, ahateguwe kubera urubanza rw’abo bategetsi ba Kenya.

JPEG - 6.3 ko
William Ruto, icegera c’umukuru w’igihugu wa Kenya

Kubwo umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Ethiyopiya ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu ,Tedros Adhanom Gebrayesus aho igihugu ciwe gisanzwe arico gifise uburongozi bw’iyo sentare mpuzamakungu mpanavyaha, iryo shirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryabonye ko Kenyatta atoja i La Haye mu gihe iryo shirahamwe ryoba ritararonka inyishu.

Mwomenya ko Kenyatta na Ruto, basanzwe baratowe n’abanyagiguhu mu kwezi kwa Ntwarante, ari indongozi za mbere zikiri ku butegetsi zikwirikiranywe n’iyo sentare zikiri mu mabanga yazo. Uhuru Kenyatta na William Ruto gushika uno musi barakorana n’iyo sentare mpuzamakngu ariko rero basaba ko urubanza rwabo rwohagarara kuko rubabuza gukora imirimo yabo neza.

Iyo nama y’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika yasavye inama nkuru y’umutekano ko bohagarika gukurikirana umukuru w’igihugu ca Sudani, Omar el-Bechir aho nawe nyene yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ihonyabwoko i Darfour.

Kenyatta imbere y’abagenzi biwe yaragirije sentare mpuzamakungu mpanavyaha ko yoba ikora ivyo iba isabwe n’abanyaburaya hamwe n’abanyamerika kugira ibihugu vya Afrika ntivyigere bigira ukwishira no kwizana.Uwo mukuru w’igihugu ca Kenya akaba yagize ati : "abandi bose umenga barimiriwe kugira ico babazwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha kiretse abanyafrika gusa.Iyo sentare umeno ifise ivyo ibaza abanyafrika gusa. Igira ikumira rifatiye ku ruhu".


Karire Floxella

Messages

  • Mbega abo ba presidents bashaka gushigikirana mumafuti gusa, bibaza ko ivyo bagirira abanyagihugu bitamenyekana, aho muvuga mubindi bihugu wmwarabonye aba president bigira inzu zamabuye nka banyifrika urumva umu president wu burayi canke muri usa bakura akanka kuhava agahitamwo kwicisha abo yategerezwa gukingira ntibibaze ko bazohava uzorabe nta mupresident wahandi ataruwomuri africa aheza nabi kuko bakora amakosa bakanka kuhava jewe nshigikiye cpi ijana kwijana.

  • Mbega kubera iki mudashiraho ivyo tuvuga ugira hari uwo tuvuga ivyo atagira canke murafise abo mushaka kunezereza gusa naho mwoshaka mukareka kubishiraho akabi karavugwa.

  • abanyafirika nivyo turakwiye iteka ryacu ,kuko abazungu baramaze kutugira abaja babo ikindi usanaho umenge ntajambo tufise ahamwisi; intambara niryane ni bindi bibazo biri muri africa yose nibo babitera kakaduhendesha uduhera twabo nabo bakaza gutwara ubutunzi bwacu .baheza guteza intambara bagaca batangura kw imba ubutare bwacu . bobo mission yabo bagomba ko tuzoguma tubasaba. icompa abanya frica bose . tugahagarara tunkaka ugo rukiko gushaka nabo aho bazohamagarwa murugo rukiko

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.