Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
U Budagi : Umushikiranganji w’indero yaratanze imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > U Budagi : Umushikiranganji w’indero yaratanze imihoho

U Budagi : Umushikiranganji w’indero yaratanze imihoho

dimanche 10 Ruhuhuma 2013

Umushikiranganji w’indero mu gihugu c’u Budagi Annette Schavan yaratanze imihoho kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 9 Ruhuhuma inyuma y’aho bigaragariye ko yakoresheje ubusuma bw’ivyiyumviro igihe yandika igitabo kimuha ipete ryo ku rwego rwa Doctorat.

Nk’uko Angela Merkel yabimenyesheje ikinyamakuru TF1/LCI,Annette Schavan yatanze imihoho kuri uno wa gatandatu inyuma y’aho yakiwe ipete rya Docteur yaronse mu mwaka w’1980 kubera ko yanditse igitabo yivye ivyiyumviro ivyo bita plagiat.

Aho yari mu rugendo mu gihugu ca Afrika y’Epfo,Annette Schavan yamenyesheje ko atemera ingingo zafashwe n’ishuri kaminuza rya Dusseldorf kandi ko azokwitura ubutungane kugira asubire kuronka Doctorat yiwe.

Ku ruhande rwiwe, Angela Merkel naho yakozweko n’ico kibazo yamenyesheje ko azobandanya gushigikira uwo mugenzi wiwe.Angela Merkel yamenyesheje ko Annette Schavan yamushikirije ubutumwa ko atanze imihoho kandi ko yavyemeye n’umutima uremerewe.

Tubibutse ko no mu mwaka w’2011,uwari umushikiranganji wo kwivuna abansi Karl-Theodor zu Guttenberg yatanze imihoho yagirizwa kuba yarakoresheje kwiba ivyiyumviro igihe yandika igitabo co guheza amashuri ku rwego rwa Doctorat.

Tubamenyeshe ko Annette Schavan afise imyaka 57 y’amavuka.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.