Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
U Buhindi: Ishingurwa ry’umwigeme yafashwe ku nguvu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > U Buhindi: Ishingurwa ry’umwigeme yafashwe ku nguvu

U Buhindi: Ishingurwa ry’umwigeme yafashwe ku nguvu

dimanche 30 Kigarama 2012

Mu Buhindi habaye igikorwa co gushingura umukobwa w’imyaka mirongo ibiri n’itatu yapfuye ahejeje gufatwa ku nguvu n’akarwi k’abagizi ba nabi i Delhi ku murwa mukuru w’UBuhindi bigatuma haba imyiyerekano mu gihugu.

Ibikorwa vyo gushingura vyabereye i Delhi, bikaba vyitabwe n’umuryango wiwe n’abategetsi bakuru b’UBuhindi.
Umushikiranganji wa mbere w’UBuhindi, Manmohan Singh n’umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi Congress Party, Sonia Gandhi bari ku kibuga c’indege mu gitondo kare igihe indege yaritwaye ikiziga c’uwo mukobwa ivuye muri Singapore yashika m’UBuhindi.

Hari abantu batandatu bamaze gufatwa bakaba bikekwa kuba bari mubafashe uwo mugore ku nguvu mu kwezi guheze, ubu bakaba bagiye kwagirizwa ubwicanyi.
Hirya no hino mu bisagara vyo m ‘U Buhinde habaye imyiyerekano isaba gushiraho amategeko akaze ku bantu bafata abagore n’abakobwa ku nguvu.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.