Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
U Buhindi: Umugambwe Shiv Sena warahaye imbugita nyinshi abagore kugira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > U Buhindi: Umugambwe Shiv Sena warahaye imbugita nyinshi abagore kugira (...)

U Buhindi: Umugambwe Shiv Sena warahaye imbugita nyinshi abagore kugira bikingire ababafata ku nguvu

vendredi 25 Nzero 2013

Umugambwe Shiv Sena wo mu buhindi waratanze imbugita nyinshi cane ku bakenyezi baba mu busereko bw’Ubuhindi kugira baze barigwanira bashatse kubafata ku nguvu inyuma yaho hamaze imisi hibonekeza amabi nkayo yo gufata ku nguvu abakenyenyezi mu Buhindi.

Umugambwe wa Shiv Sena usanzwe uzwi ko ukunda kugumuka no kugwana,waratanguye guha kuri uyu wa gatatu ku mugoroba mu gisagara ca Bombay, uwo munsi ukaba wari umunsi bibuka aho umukuru w’uwo mugambwe Bal Thackeray yapfira hakaba hari muri Munyonyo.

« Nkuko mukata imboga,muzoze murakata ikiganza c’umuntu abakozeko »uko niko umwe mubari muri uyo mugambwe Ajay Chowdhary yababwiye. Yaciye yongera ababwira ko bategerezwa kugendana muma sakoshi yabo izo mbugita zifise ubugi bwa santimetero indwi.

Umugambwe Shiv Sena ufise umugambi wo gutanga ibigwanisho 21.000 bidacira umuriro(armes blanches) : imbugita,imipanga,…muntara ya Maharashtra mu gisagara ca Bombay hakaba ariho uwo mugambwe ufise abanywanyi benshi.

Kuwa gatatu,umugwi watumye na Leta y’Ubuhindi waratanguye kwihweza isubigwamwo ry’itegeko rigenga ivyaha bikorwa bifatiye ku gitsina kugira bongereze ibihano kubakora amabi nkayo,ariko bagakuramwo igihano co gupfa.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.