Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
U Buhindi: Uwundi mugore yafashwe ku nguvu n’abagabo batandatu ari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > U Buhindi: Uwundi mugore yafashwe ku nguvu n’abagabo batandatu ari (...)

U Buhindi: Uwundi mugore yafashwe ku nguvu n’abagabo batandatu ari mumuduga

dimanche 13 Nzero 2013

Umugore w’imyaka 29 yafashwe ku nguvu mu gihe yari mumodoka yunguruza abantu bita Bus wenyene mu gihugu c’u Buhindi. Abagabo batandatu bagirizwa kuba aribo bakoze ico caha bamaze gufatwa.Ivyo vyabereye muri Reta ya Punjab ahaheruka kubera ibara nk’iryo aho umwana w’umukobwa yafashwe ku nguvu n’abagabo indwi.

Umushoferi n’umukomvwayeri bakaba banse guhagarara aho uwo mugore yategerezwa kwururukira ahubwo baca bamujana mu nzu iri kure yaho, baca bongera batumako abagabo batanu bamufata ku nguvu bose.

Muri abo bagabo bikekwa ko boba bafashe uwo mugore ku nguvu, igipolisi camaze gufata abagabo batanu mu buraruko bw’u Buhindi ariko umwe igipolisi kiracamurondera.

Twobibutsako uwundi mukobwa w’umunyeshuri yafashwe ku nguvu mu kwezi guheze mu gisagara ca Delhi. Ivyo bikaba vyariyamirijwe n’abantu batari bake hirya no hino mu gihugu c’u Buhindi bakaba mbere basavye ko hojaho amategeko akaze ahana abafata abagore ku nguvu.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.