IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > U Burundi buriteguye kurungika abasirikare muri Mali

U Burundi buriteguye kurungika abasirikare muri Mali

jeudi 17 Nzero 2013

Umukuru w’igihugu c’u Burundi yabibwiye mugenzi we umukuru w’igihugu ca Benin Thomas Boni Yayi aho yariko aragendera u Burundi kuri kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Nzero 2013.yavuze ko mugihe ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afirika ryobisaba ngo nta nkeka abasirikare b’abarundi boca baja gufasha abarikare ba Mali kurwanya intagondwa z’aba islam zigaruriye igice ca ruguru.

Urugendo rwa Thomas Boni Yayi umukuru w’igihugu ca Benin akaba ari nawe arongoye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afirika rwamaze akanya gato. Yashitse ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’I Bujumbura isaha 8 z’umutaga kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 16 Nzero 2013.

Umukuru w’igihugu c’u Burundi Petero Nkurunziza yaramwakiriwe mu biro iwe, baganiriye ari babiri atawundi barikumwe. Bahejeje baciye baha ikiganiro abamenyeshamakuru.

Thomas Boni Yayi yavuze ko ari mu rugendo mu bihugu bitari bike vya Afirika. Ngo ni mu ntumbero yo gutegura inama izohuza ibihugu vya Afirika bihurikiye mu nama y’ubumwe bwa Afirika ‘’Union Africaine’’.

Yamenyesheje ko hageze ko amategeko agenga U.A ahinduka cane cane mu vyerekeye ingene iryo shirahamwe UA ritorera umuti amatati mu bihugu vya Afirika, ibijanye n’intwaro ibereye kugira hatuzwe intwaro za gisirikare zifata ubutegetsi ku nguvu hamwe n’abakuru b’ibihugu banka kuva ku butegetsi kandi batsinzwe mu matora.

Yamenyesheje kandi ko igihugu ca Mali camaze gusaba ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afirika UA ko ryofasha kugarukana amahoro n’umutekano muri ico gihugu. Igihugu ca Mali ngo camenyesheje UA ko intagondwa z’aba islam zifise inguvu kandi ko zamaze kwifatira igice ca ruguru. Mali yavuze kandi ko abasirikare bagera kuri 3300 bemewe n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afirika y’uburengero CEDEAO ari bake. Ngo n’ibindi bihugu vyofasha.

JPEG - 106.4 ko

Umukuru w’igihugu c’u Burundi Petero Nkurunziza yamenyesheje abamenyeshamakuru ko hamwe ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afirika U.A ryobisaba ngo u Burundi nta nkeka buriteguye gutanga abasirikare. Nkurunziza yavuze ko u Burundi bwamaze gufata ingingo yo gufasha ibindi bihugu mu kurungika abasirikare hamwe n’abapolisi uhereye muri Somaliya, Cote d’Ivoire, Sudani, Erythree, Haiti n’ahandi.

Perezida Nkurunziza yaremeje ko gufasha mu gutanga amasirikare n’abapolisi bitanga umwizero ku gihugu nk’u Burundi caciye mu ntambara zikomeye. Kandi ngo u Burundi buzobandanya burungika abajejwe umutekano kugarukana amahoro n’umutekano kw’isi kuko n’ibindi bihugu vyarafashije u Burundi igihe bwari mu ntambara.

Thomas Boni Yayi umukuru w’igihugu ca Benin yarashimye umubonano yagiranye na mugenzi we w’u Burundi hamwe n’ivyo bashitseko.
Urugendo rwiwe yaciye arubandaniriza mu gihugu c’u Rwanda hanyuma muri Uganda.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.