Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
U Bwongereza: Ni havuka umukobwa azoba ari « Umuganwakazi » - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > U Bwongereza: Ni havuka umukobwa azoba ari « Umuganwakazi »

U Bwongereza: Ni havuka umukobwa azoba ari « Umuganwakazi »

vendredi 11 Nzero 2013

Umwana azovuka w’Umuganwa Prince William n’umugore wiwe Kate niyaba ari umukobwa, azoca aba Umuganwakazi, iryo zina ry’icubahiro rikaba itaheruka gutangwa hari haciye ikinjana iryo zina ry’icubahiro ridatanzwe. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe kuwa kane n’ikirimba c’i Buckingham.

Urwandiko rw’Umwamikazi Elizabeth rwamenyesheje ko ariko vyari vyategekanijwe igihe iyo ngingo yafatwa muri kigarama 1917 n’umwami Georges wa gatanu, sekuru wiwe, yo kugumya izina ry’icubahiro ry ‘« Umuganwa » ku mwuzukuru wa mbere w’uwuzoca kuntebe y’ubwami. Umukobwa wewe akaba yaca aronka izina ry’ubu « Lady ».

Abana bose bw’umuhungu mukuru Umuganwa w’i Galles bafise uburenganzira bwukwitwa abaganwa canke abaganwakazi rikurikizwa n’izina ryabo nk’uko ikinyamakuru London Gazette cabimenyesheje kuwa gatatu.

Uwo mwana rero akaba yitezwe hagati mu mwaka. Abaye umuhungu canke umukobwa, azoca aba uwa gatatu mubazosubirira intebe y’ubwami, inyuma ya sekuru wiwe Umuganwa w’i Galles Charles na se wiwe William.

Ubwami bwo mu Bwongereza kukaba rero bwarakuyeho itegeko ry’uko ari abahungu gusa baronka amazina y’icubahiro.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.