Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
U Rwanda na Congo Brazzaville bahagurukiye ikibazo ca RDC - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > U Rwanda na Congo Brazzaville bahagurukiye ikibazo ca RDC

U Rwanda na Congo Brazzaville bahagurukiye ikibazo ca RDC

lundi 18 Ruhuhuma 2013

Kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2013, ibihugu vy’Urwanda na Congo Brazzaville vyarerekanye ko bifise ishaka ry’uko intambara zihuza igisirikare ca Congo Kinshasa n’umuhari M23 zohagarara.

Abakuru b’ibihugu Denis Sassou Nguesso wa Congo Brazzaville na Paul Kagame w’Urwanda bariyemeje ko bagiye gukora uko bashoboye kwose kugira amahoro agaruke muburaruko bw’intara ya kivu, mu gihugu ca Repuburika iharanira Demokarasi ya Congo. Ivyo vyavuzwe mw’itangazo ryashizwe ahabona inyuma yaho Paul Kagame agendeye ikirwati ca Oyo, umukuru w’igihugu Sassou Nguesso avukamwo.

JPEG - 40.2 ko

Intara ya kivu n’akarere karimwo ubutare bwinshi iyo. Intambara mur’ico gice zikaba zatanguye mu kwezi kwa Ntwarante umwaka w’i 2012. Igisirikare ca Congo caratanye mu mitwe n’umurwi M23, umurwi ONU ivuga ko ufashwa n’Urwanda ndetse n’Ubuganda ariko ivyo bihugu vyo birabihakana.

Ibiganiro bihuza Leta ya Kinshasa n’uyo muhari biriko birabera i Kampala. Paul Kagame yavuze ati: « Amahoro muri ibi bihugu vyacu ni nkenerwa cane kuko ata mahoro nta terambere. »

Abo bakuru b’ibihugu babiri baranavuganye ivyerekeye impunzi z’Abanyarwanda ziri muri Congo Brazzaville kuva mu 1997. Biyemeje ko vuba Abanyarwanda bari muri ico gihugu batazosubira kwitwa impunzi kugira bisanzure. ivyo rero Bikazoshirwa mu ngiro italiki 30 ruheshi umwaka w’i 2013.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.