Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ububirigi : Abakirisu bariyamiriza itegeko ryo guhohosha abana bari munsi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ububirigi : Abakirisu bariyamiriza itegeko ryo guhohosha abana bari munsi (...)

Ububirigi : Abakirisu bariyamiriza itegeko ryo guhohosha abana bari munsi y’imyaka 18

vendredi 7 Ruhuhuma 2014

Abasenyeri babiri bo mu gihugu c’Ububiligi bateye akamo abakirisu ko bokwisonzesha (jêune) mu ntumbero yo kuraba ko itegeko ryo guhohosha ico bita mu rurimi rw’igifaransa Eutanasie ku bana batarakwiza imyaka 18, ryohagarara ntiryemezwe mu nama nshingamateka.

Umusenyeri wo mu gihugu c’Ububiligi i Liège Jean Pierre Delville yasavye abakirisu kwisonzesha no kwiyegereza Imana mu masengesho, kugira itegeko rigenga guhohosha abana bari munsi y’imyaka 18 barwaye indwara zikomeye ntiryemezwe mu nama nshingamateka. Agira ati : "Dushaka gukangurira imitima n’ubwenge bw’abantu, kugira habe ibiganiro kugira iryo tegeko ntiryemezwe."

Igenekerezo rya 11 Ruhuhuma bivugwa ko ariho iryo tegeko rishobora kwemererzwa, rikaba rihura n’umunsi mpuzamakungu wahariwe umurwayi. Umwepiscopi Delville akaba yahambije uwundi mwepiscopi w’i Malines- Bruxelles Léonardo aho nawe nyene yateye akamo gashaka gusa n’aka mugenzi wiwe. Uwo mwepiscopi akaba yizera ko n’ayandi madini ndetse n’abatemera Imana bose bazohava babafasha kwiyamiriza iryo tegeko. Amenyesha ko iyo nteguro y’itegeko ari mbi cane, kuri abo bana aho asubiramwo mbere akerekana akamaro k’imiti ituma ububabare bugabanuka, umuntu akicwa n’urw’akarago, kuko abamuhohosha baba batazi imyaka Imana yamugeneye.

Amasengesho yo gukesha akaba yateguwe ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 11 Ruhuhuma, kugira barare barasaba Imana ko iryo tegeko ritoshirwa mu ngiro. Ku makuru dukura ku kinyamakuru 7 sur7, hari akana k’agakobwa gasanzwe karwaye indwara idakira, kandikiye umwami w’Ububiligi, kamusaba ko atokwemeza iryo tegeko. Mu masanamu ku muhora ngurukanabumenyi ‘’Youtube’’ kavuga ko bari bakwiye gushira imbere ubuzima atari igihushane cabwo.

Umuvyeyi wiwe nawe akavuga ko n’aho umwana aba arwaye indwara idakira, umuvyeyi wiwe we yama amufitiye urukundo n’umunezero bidasanzwe.


Floxella Karire

Messages

  • Imisi yanyuma iriko irarangwa no gusubira inyuma! Koko mu binjana vya kera abana bamugaye canke bazingamye ubutazovayo barabata muvyo bita(ibisumanyenzi) canke mu bimanga vya muhereze uhebe, ivyo bikaba vyaragirirwa n abigeme batwaye inda z’indaro!! Aho Kriziya ikuriye kirazira vyabonetseko ubuzima ari katihabwa atawukwiye kubwaka uwundi!

    Igitangaje abaje kufasha gutahura ivyo nibo bongeye kuvyurira abandi ububi bw ibizira!, Nivyo kwiyamiriza ntirikabe. Ariko kandi "Akashe umugaga ntigasubira ikuzimu" bizoteba bibe kuko ni imisi ya nyuma! Uwoshaka yorabira kw itegeko ribuza kwandavura kw abahuje ibitsina, ibihugu bita ngo;vyateye imbere(Aho jewe nita inyuma) bimaze kuvyemeza ndetse ikizira nk ico gisigaye cemerezwa ahera mu ngoro y’Imana! Uwoshaka yobona ibihe aho bigeze; Ndavuga simvura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.