Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ububirigi bwatanguye kwakira impunzi ziva ku mugabane wa Aziya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ububirigi bwatanguye kwakira impunzi ziva ku mugabane wa Aziya

Ububirigi bwatanguye kwakira impunzi ziva ku mugabane wa Aziya

samedi 5 Nyakanga 2015

Nk’ibindi bihugu vyo ku mugabane wa Buraya,igihugu c’ububirigi catanguye kwakira impunzi zihunga intambara n’inzara vyugarije ibihugu vya Siriya,Iran na Irak.

Imbere y’ahakorera ibiro vy’Ububirigi vyakira abanyamahanga,hakikujwe n’amahema arimwo abashaka ubuhungiro,ariko birateba kuko babanza kubapima indwara y’igituntu n’izindi zandukira.

Kuva mu ntango z’ukwezi kwa Nyakanga,ku murwa mukuru bruxelles hari impunzi nyinshi.Mu gihe Ububirigi bwahora bwakira abantu bari hagati ya 25 na 6o basaba ubuhungiro ku munsi, muri iki gihe bakira abashika 250 ku munsi kandi igitigiri ntikigabanuka.

Mu kwezi kwa Myandagaro guheze,Ububirigi bwakiriye abantu 5000, ariko abandi barenga ibihumbi bitatu baracarindiririye imbere y’ibiro vyakira abanyamahanga.

Reta y’Ububirigi imenyesha ko bikwiye ko n’ibindi bihugu bikora ibishoboka vyose kugira impunzi zose bazigabure mu kuzakira.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.