Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ububirigi ntibwicaye ku rupfu rwa Patrice Lumumba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ububirigi ntibwicaye ku rupfu rwa Patrice Lumumba

Ububirigi ntibwicaye ku rupfu rwa Patrice Lumumba

vendredi 10 Rusama 2013

Ikinyamakuru co mu gihugu c’Ububirigi cashize ahabona amazina icumi yaba birigi bidogerwa n’umuryango w’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’igihu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo Patrice Lumumba, yishwe igenekerezo rya 17 nzero 1961.

Ihagarikwa ry’abagirizwa na Leta y’ububirigi ryabaye kwigenekerezo rya 12 kigarama2012, ryatangaje izina ry’uwitwa Etienne Davignon yakorera mu biro vyari bajejwe imigenderanire n’ayandi mukungu.

Mu mazina cumi yashikirijwe, batatu muri bo baritavye Imana.
Amakuru dukesha ikinyamakuru Marinne co mu bubirigi, hari kandi amazina nka Charles Huyghe yari arongoye ibiro vy’umushikiranganji w’umutekano i katanga, Jacques Bartelous umucamanza, François Son icegera c’uwari arongoye igipolisi ci katanga, Claude Grandelet yari intwazangabo, Jacques Brassine yari umudereva w’indege hamwe na Rene Gosjean yari yegereye ibiro vy’uguhanura n’ uwatwara katanga Moise Tshombe.

Abitavye Imana muri abo bagirizwa ni batatu nabo ni Roger Leva igisongerezi camenyereza igipolisi ca Tshombe yapfuye mu 2012, Fernand Vervier yari umucamanza akongera akaba n’umu dereva w’indege yari yegereye ibiro bijejwe imigenderanire muri Afrika hamwe n’ intwazangabo Armand Verdickt yapfuye mu 2011.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.