Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubufaransa Bwasavye Abafaransa Kuva mu Buraruko bw’Igihugu ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa Bwasavye Abafaransa Kuva mu Buraruko bw’Igihugu ca (...)

Ubufaransa Bwasavye Abafaransa Kuva mu Buraruko bw’Igihugu ca Cameroun

jeudi 21 Ruhuhuma 2013

Igihugu c’Ubufaransa casavye abanyagihugu baco kuva mu buraruko bw’igihugu ca Cameroun, inyuma yuko abantu bitwaje ibigwanisho banyuruje Abafaransa indwi bari mu buruhuko bw’igihugu ca Cameroun.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubufaransa bwasavye ejo ku musi wa gatatu Abafaransa kuva muri ako karere mu buryo bwihutirwa bushoboka.

Ubwo bushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubufaransa bwahanuye kandi Abafaransa kutaja mu ntara iri hafi y’urubibe n’igihugu ca Nigeria gushika baronse ayandi makuru.

Ukwo kugabisha Abafaransa bibaye umusi umwe inyuma yuko abantu bitwaje ibigwanisho bari ku mapikipiki banyuruje umugabo n’umugore b’Abafaransa, abana babo bane na se wabo.

Abagira itohoza baremera kw’abanyuruje abo bantu babajanye mu gihugu ca Nigeria.

Nta murwi wiyitiriye inyuruzwa ry’abo bantu, yamara mu kiganiro kuri televiziyo y’igihugu c’Ubufaransa, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Ubufaransa, Jean-Yves Le Drian, yagirije umurwi w’intagondwa z’Aba Islamu Boko Haram, ukorera mu gihugu ca Nigeria.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yagiriza umurwi, Boko Haram, iyicwa ry’abantu barenga igihumbi kuva mu mwaka w’2009 benshi muribo, mu buraruko bw’igihugu ca Nigeria.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.