Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubufaransa : Integuro ikomeye kuri Syria imbere ya ONU - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Integuro ikomeye kuri Syria imbere ya ONU

Ubufaransa : Integuro ikomeye kuri Syria imbere ya ONU

mardi 10 Nyakanga 2013

Ubufaransa buraja gushikiriza inama ya ONU ijejwe umutekano, integuro y’ingingo yotegeka gushira mu minwe y’ubugenduzi mpuzamakungu, ibigwanisho vy’uburozi vya Syria kugira bisamburwe, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire Laurent Fabius.

Yavuze ko iyo ngingo yotegekanya ingaruka zikomeye cane hamwe yoyirengako.
Hoca haba gusaba ko hoba igenzurwa rikwiye ry’ibigwanisho vyose vy’uburozi. Uburusiya nabwo nyene burafise umugambi w’ugushira ibigwanisho vy’uburozi vya Syria mu bugenduzi mpuzamakungu. Hagati aho, ku rubuga muri Syria intanbara ibandanya kubica bigacika. Abafaransa n’Abanyamerika bafise amakenga ko hashobora kuba umukino nk’uwakayabu n’imbeba, nko muri Irak ariko biteguriye guha amahirwe integuro y’Abarusiya

Amakuru dukesha Christian Fraser, umumenyeshamakuru wa BBC mu gihugu c’Ubufaransa, avuga ko ico abafaransa bashaka kwirinda n’uko iyo nteguro yoba gusa nk’amayeri yo gutevya ibintu, ari naco gituma inziza zose harimwo n’ugushobora kugira ibitero vya gisirikare, ziguma zuguruye. Urwego rw’iperereza rw’Amerika CIA rwibaza ko ibigwanisho vy’uburozi vya Syria bishobora guterwa n’indege, misile canke ibisasu binini binini. Rwibaza ko Syria ifise gaz z’ubumara z mustard na sarin kandi ko yagerageje gukora ubundi bumara bukaze kurusha bwa gaz ya VX.

Nta vyinshi biramenyekana ku mugambi w’Uburusiya, ariko umushikiranganji w’imigenderanire Sergei Lavrov avuga atari umugambi w’Abarusiya gusa, wavuye mu biganiro bagiraniye n’abanyamerika’’. Umukuru w’igihugu c’Amerika Barack Obama yavuze ko umugambi w’Uburisiya ushobora kuvamwo ikintu ciza n’ubwo yemeza ko agumana amakenga.

Ku wa mbere umushikiranganji w’Amerika ajejwe imigenderanire John Kerry yavuze ko kutagira igikozwe kuri Syria vyogira ingaruka mbi cane kuruta ko hagira icokorwa.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.