Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kimwe mu bitangaza bimaze kuboneka mu nkino z’igikombe c’isi yose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Kimwe mu bitangaza bimaze kuboneka mu nkino z’igikombe c’isi yose

Kimwe mu bitangaza bimaze kuboneka mu nkino z’igikombe c’isi yose

lundi 16 Ruheshi 2014

Inkino z’igikombe c’isi yose zirabandanya ku munsi ugira kane w’amahiganwa. Ikimaze kwibonekeza n’ibitsindo vyinshi bisa n’ibitangaza vyashikiye igihugu rutura mu mupira w’amaguru.

Isanamu ya Arjen Robben yatsinze ibitsindo 2

Kuri uwo w’Imana w’igekenekerezo rya 15 Ruheshi, inkino zabaye uku gukurikira: Igihe c’isaha indwi isaha yo muri Bresil (13h00), igihugu ca Suisse na Equateur ku kibuga Estadio Nacional kiri mu gisagara ca Brasilia. Suisse yatsinze 2-1, urundi rukino rwahuje igihugu c’Ubufaransa na Honduras igihe c’isaha y’icumi ku kibuga Estadio Beira-Rio kiri i Porto Alegre. Ubufaransa bwatsinze ibitsindo 3 ku busa. Urukino rwa nyuma rwahuje Argentine na Bosnie Herzegovine ku kibuga c’i Maracana kiri Rio de Janeiro n’igihe c’isaha imwe y’ijoro (19h00). Argentine niyo yatahukanye intsinzi ya 2 kuri 1.

Ku rutonde, uno munsi hakina ibihugu bikwirikira: Allemagne ikina na Portugal, urukino rukomeye cane, igihe c’isaha indwi (13h00 de Bresil), ikibuga ni Arena Fonte Nova, hakwirikira Irani na Nigeria ku kibuga Arena da baixada isaha icumi z’umuhingamo(16h00). Urukino rwa nyuma ruhuza ibihugu Ghana na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku kibuga Estadio Das Dunas igihe c’isaha imwe z’ijoro.
Amasaha twakoresheje ni amasaha yo muri Bresil, ariko nk’urukino ruba isaha indwi zo muri Bresil (13h00) mu Burundi turukurikirana isaha cumi na zibiri z’ijoro (18h00).

Bimwe mu bitangaza bimaze kuboneka muri izo nkino, ni itsindwa ry’igihugu ca Espagne na Hollande. Nta benshi bibaza ko Espagne yotsindwa ibitsindo 5 kuri 1. Mbega none ico gihugu catwaye igikombe c’isi mu mwaka w’i 2010 coba cagize iyihe ngorane? Mbega Espagne yiteguriye gute urukino ruzoyihuza na Chili?


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Mbega ga wa mupfumu wo muri Ghana yavugira kuri radio yefemu y’aho muri ghana ngo ni we yaroze Christiano Ronaldo, uburozi bwiwe bwabaye nk’ifu y’imijira?
    "uno musi buri mw’ivi,ejo buzoja mw’itako,hanyuma ho bizoba ibindi...."

    He he hé, ni bateshwe bate, babe bareka kwigira imana zidapfa, kuko ni abantu nk’aband’abo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.