Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuganda bwagararije ingingo ya Reta zunzubumwe z’Amerika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ubuganda bwagararije ingingo ya Reta zunzubumwe z’Amerika

Ubuganda bwagararije ingingo ya Reta zunzubumwe z’Amerika

mercredi 12 Ruhuhuma 2014

Igihugu c’Ubuganda cahakanye gukura ingabo zaco zifise mu gihugu ca Sudani y’amaja Epfo, naho Reta zuzubumwe z’Amerika yateye akamo ko zovayo mu maguru masha muri ico gihugu.

Henry Okello Oryem, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu mu gihugu c’Ubuganda, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Kampala, yamenyesheje ko Ubuganda butazigera bukura ingabo zabwo mu gihugu ca Sudani y’amaja Epfo gushika umutekano ugarutse. Yabandanije avuga ko ata gihugu na kimwe gifise ububasha bwo gutegeka Ubuganda mu kububwira ibikwiye gukorwa canke bidakwiye gukorwa. Naho Ubuganda bwatewe akamo na Reta zunzubumwe z’Amerika ngo bukure akarenge kabo muri Sudani y’amaja Epfo, buvuga ko batarota bumviriza igihugu na kimwe, kibubwira kuvayo mpaka umutekano utagarutse muri Sudani y’amaja Epfo.

Henry Okello avuga ati: “Naho Reta zunzubumwe z’Amerika zoba zisanzwe zishigikira igihugu c’Ubuganda mukuburonsa imfashanyo y’amafaranga, ntibisigura ko zica zitanga amategeko ku vyo igihugu c’Ubuganda gitegerezwa gukora ngo ni uko bagishigikiye”. Reta zunzubumwe z’Amerika zari zasavye ko ingabo z’ubuganda zova muri Sudani y’amaja Epfo, kugira ukutumvikana hagati y’ingabo ziri k’ubutegetsi ku ntwaro ya Salva Kiir hamwe n’izuwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Riek Machar guhagarare.

Naho mw’itangazo Reta zunzubumwe Z’Amerika zasohoye ritatunze agatoke igihugu c’Ubuganda, n’ingabo z’ubuganda zibarirwa kuko arizo ziriko zirashigikira ingabo zo ku butegetsi bwa Salva Kiir mu kwivuna abaroberi batavuga rumwe na Reta.

Twobamenyesha ko Paddy Akunda, umuvugizi w’igisirikare c’Ubuganda afise ipete rya lieutenant- colonel yabwiye ingabo z’Ubuganda ziri muri Sudani y’amaja Epfo ko zizogumayo, gushika umutekano ugarutse mu gisagara ca Juba hamwe no mu tundi duce tw’igihugu.


Mariella Bukuru

Messages

  • Kubijanye nubigande kuvya Sudan yamajepho sinunva ukuntu ubugande bwobwigwa kuva muri Sudan yamejepho bukanka ahubwo bukanavugako ko atagijugu nakimwe kiriho cogitegeka kuvayo.nanicogituma no muri Congo akokara ivyoyishakiye kako kumbure abanako atagihugu nakimwe comubuza gukara ivyo ashatse.Murakoze

  • non k batagomba kuvay nukurab nez k atakint baronderay kweri kk ntivyumvukan nyambarikintu baronderay

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.