Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuganda : Reta yagondojwe gukura ingabo zayo muri Soudani y’Epfo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ubuganda : Reta yagondojwe gukura ingabo zayo muri Soudani y’Epfo

Ubuganda : Reta yagondojwe gukura ingabo zayo muri Soudani y’Epfo

samedi 15 Ntwarante 2014

Katumba Wamala afise ipete rya general mu vya gisirikare, yaraye amenyesheje ko igihugu c’Ubuganda kigiye gukura ingabo zaco mu gihugu kibanyi ca Soudani y’amaja Epfo, bivuye ku ngingo zafashwe n’indongozi zo mu karere.

Inyuma yaho hafatiwe ingingo zotuma hagaruka umutekano mu gihugu ca Soudani y’amaja Epfo, ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 14 Ntwarante, umusirikare Katumba Wamala wo mu gihugu c’Ubuganda yamenyesheje ingabo zari mu gihugu ca Soudani y’Epfo zigiye kuvanwayo. Mu kiganiro yari yahaye abamenyeshamakuru, Wamala akaba yamenyesheje ko Ubuganda buzokuraho, ingabo zabwo umwanya wari wose umutekeno ugarutse muri Soudani y’Epfo.

Kubijanye n’umunsi izo ngabo zizovirayo, Wamala avuga ko ata munsi washinzwe canke iminsi izwi, ico gikorwa kizoberako, ariko ko bizovana n’umwanya abarungitswe kugarukana umutekano muri soudani y’Epfo bashikiyeyo. Kamala akavuga ko bitumvikana ukungene boshobora gusiga igihugu ata ngabo zihari ziriko zifasha kugarukana umutekano, ari nayo mpavu batazi n’umunsi izo ngabo zizovirayo.

Inama yabaye ku munsi ku wa13 Ntwarante, yari igizwe n’indongozi mu vya gisirikare yabereye mu gisagara ca Addis Abeba, ikaba yatumye hemerwa ko hashingwa uburyo bwose bushoboka, kugira umutekano ugaruke muri Soudani y’amaja Epfo.

Mwokwibuka ko Ubuganda bwari bwararungitse ingabo zabwo muri Soudani y’Epfo mu kwezi kwa Kigarama mu mwaka w’i 2013, kugira bafashe kugarukana umutekano mu gihugu, bivuye ku bwicanyi bw’ihonyabwoko bwariko buribonekeza. Ubuganda bukavuga ko bwarungitseyo ingabo zabwo kuko bwari bwabisabwe na Reta ya Soudani ubwayo.

Mwomenya kandi ko amashirahamwe mpuzamakungu yasavye Reta y’Ubuganda ko bwokura ingabo zabwo muri Soudani y’Epfo kuko hamwe zogumayo, bishobora guca intege inteko mpuzamakungu zarungitsweyo kugarukana amahoro n’umutekano.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.