Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubugeni bwa mbere bw’abahuje ibitsina muri Afrika y’epfo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubugeni bwa mbere bw’abahuje ibitsina muri Afrika y’epfo

Ubugeni bwa mbere bw’abahuje ibitsina muri Afrika y’epfo

dimanche 14 Ndamukiza 2013

Tshepo Modisane na Thoba Sithole baraye barushinze imbere y’abatumire amajana abiri. Ivyo bishitse mu gihe Leta y’Ubufaransa buhejeje gutora itegeko rirekurira ubugeni bw’abahuje ibitsina be n’uburenganzira bwo kurera abana mu ngo zabahuje ibitsina, Afrika y’epfo ihejeje guhimbaza ibizoba bibawe ubwa mbere, ubukwe bw’abahuje ibitsina.

JPEG - 23.3 ko

Abo bagabo babiri mu bisanzwe bakaba barushinze mu mico yab’abazuru,bambaye imyambaro kama y’igihugu.

Bompi bafise imyaka 27 , Tshepo Modisane na Thoba Sithole bashimye guhimbaza ubukwe bwabo nk’uko ba sokuru babo babigenza. Ubugeni bw’abahuje ibitsina burarekuriwe muri Afrika y’epfo kuva mu mwaka w’2006. Tubamenyeshe ko igihugu ca Afrika y’epfo gifashwe nk’igihugu giteye imbere mu kwubahiriza agateke ka zinamuntu na cane cane mu bibazo vya LGBT (Lesbian Gay Bisexual Transexual) navyo bikaba ari ibibazo vy’ ugukumira n’uguhohotera abahuza ibitsina.

JPEG - 42.3 ko

Mu mirimo ya misi yose, Tshepo akora akazi ko kugenzura amashirahamwe, Thoba nawe ni umuhinga muvya computer. Bariteguriye kurera abana : “ Birakwiye ko tugira abana, umuryango ni ikintu ngombwa kuri twese.”

Baripfuza ko bobera akarorero abanegihugu bose badashika ku rugero rwo kwakira kamere mpuzabitsina kabo.
Umuryango wa Tshepo Modisane be n’uwa Thoba Sithole ukaba washigikiye abana babo ukuri kwamye

JPEG - 30.4 ko

Armel Nakindavyi

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.