Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuhindi : Umwana yaziritswe nk’impene kubera ubumuga yavukanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ubuhindi : Umwana yaziritswe nk’impene kubera ubumuga yavukanye

Ubuhindi : Umwana yaziritswe nk’impene kubera ubumuga yavukanye

lundi 26 Rusama 2014

Mu gihugu c’Ubuhindi havurwa inkuru y’umutamakazi yaboshe umwuzukuru wiwe ku giti nk’impene, amuhora ubumuga afise umubiri wose, bumutuma atavuga kandi ntanatambuke

Lakhan Kale, n’umwana w’umuhungu atavuga kandi nta natambuke aturuka mu gisagara ca Mumbai, mu gihugu c’Ubuhindi, yaboshwe na inakuru ukuguru, ku giti c’icuma kiri aho imodoka zikunda guhagara. Inakuru wiwe, akama abikora igihe cose agiye ku mirimo yiwe. Uwo mwana w’imyaka icenda y’amavuka, ntiyagize amahirwe nk’abandi bana yo gukurana n’abanvyeyi biwe bamuvyara. Igihe se yitabiye Imana, nyina yaciye nawe ata urugo, umwana amusiga kwa inakuru, ari naho arerewe gushika ubu. Inamakuru akaba nawe asanzwe ataho avunika ava, kuko abeshwejwesho n’utwo adandaza mw’ibarabara.

Sakhubai Kale w’imyaka 66 y’amavuka, inakuru wa Lakhan avuga ko atabu buryo afise bwo kurera uwo mwuzukuru wiwe, atari kumuboha kuko atawundi yomusigira kandi ko afise n’uwundi mwana w’imyaka 12 ategerezwa kwitwararika. Ico akora gusa, imbere yo kuboha Lakhan Kale, agenda amugaburiye icayi n’umukate vyo mu gitondo bagaca basezerana. Amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, mu gihugu c’Ubuhindi avuga ko ivyo kuzirika abantu bagendana ubumuga mu Buhindi atari bishasha. Ayo mashirahamwe akaba yarahagurukiye ico kibazo, Lakhan ajanwa mu kigo kirimwo abandi bana bagendana ubumuga, kugira nawe yitabweho.

Mu matohoza yakozwe, abahindi bari hagati y’imiriyoni 40 na 60 nibo bagendana ubumuga, bose bakagira intambamyi zimwe zo kutagira ikibafasha Meena Mutha, akora mw’ishirahamwe risanzwe rifasha abatishoboye avuga ko Reta y’Ubuhindi yari kwiye kugira icikoze, kugira abana bose bameze nka Lakhan baronke ibigo bibitaho mu bumuga bwabo.

Mwomenya ko abashingwamanza bavugira abagenda ubumuga bari barasavye mu kwezi kwa Ruhuhuma sentare iraba ivy’amategeko mu buhindi, ko hoshingwa amategeko aha uburenganzira bwo kwiga, bwo kuronka akazi bitagoranye abagendana ubumuga, ariko gushika ubu ayo mategeko akaba ataratorwa.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.